Amatungo y'umuryango wa Gupta muri Afrika y'epfo yafashwe

Igipolisi ca Afrika y'epfo cafashe amatungo aciye imiliyoni 15 z'amadolari ku musi wa mbere y'abagwizatunga babiri bavukana Gupta, nk'uko bimenyeshwa n'ikinyamakuru TimeLive.

Muvyafashwe harimwo imodoka 65, kajugujugu, indege zibiri, amafaranga ari mu mabanke menshi, ibikoresho vyo kwubaka hamwe n'urupangu rw'uwo muryango ruri i Saxonwold mu micungararo ya Johannesburg.

Abakozi batoza amakori n'abajejwe gufata imitungo y'abantu baje kwifatanya na polisi muri ico gikorwa, ikinyamakuru TimeLive kivuga ko kibandanya uyu musi.

Iryo fatwa ry'ivyo bintu n'imwe mu ntambwe y'amatohoza ku bivugwa ko abo bavukanyi babiri bakoresheje nabi uwahoze ari umukuru w'igihugu wa Arika y'epfo Jacob Zuma.

Izo mpande zibiri zose ariko ziguma zihakana ko ata makosa bakoze.

Ayo matohoza agamije kugaruza imiliyoni 20 z'amadolari yo mu makompanyi menshi basanzwe bakorana yagize uruhara muri ubwo busuma bwiswe Estina dairy farm, aho ikompanyi imwe yanyururije amahera mu manyanga.

Umurango wa Gupta ntukakaza kuva imbere y'aho prezida Zuma ahindiwe kuva ku butegetsi.