Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zuma yagirijwe ibiturire inyuma yo kuva ku butegetsi
Uwahora ari umukuru w'igihugu ca Afrika Yepfo Jacob Zuma, agiye gukurikiranwa ku mitahe 16 y'ibiturire, nkuko umushingwamanza mukuru Shaun Abrahams yabimenyesheje.
Bwana Abrahams yavuze ko yemera ko hari ivyagiriji vyumvikana, vyotuma akurikiranwa.
Ivyo yagirizwa - Zuma we ahakana - birimwo imitahe y'ubusuma n'amanyanga hamwe n'iyijanye no kunyegeza amahera yibwe mu bintu.
Bwana Zuma, afise imyaka 75, yategetswe n'umugambwe wiwe "African National Congress" (ANC) gutanga imihoho mu kwezi guheze.
Yakuweko icizere incuro icenda, imbere yuko ava mu mabanga.
Ivyo akurikiranwako bijanye n'amahera ya leta imiliyardi 30 z'ama rand (imiliyardi $2.5) yatanzwe mu masezerano yo kugura ibigwanisho mu 1990, imbere yuko aba prezida.
Bwana Zuma yamye ahakana ko ata mahera yigeze ahabwa n'abarondera iryo soko y'ibigwanisho.
Ubushingwamanza bwamwegetseko n'ikindi caha c'ibiturire, gifitaniye isano n'umuryango ukomeye cane w'abagwizatunga, w'aba Gupta.