Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umwe mu bagenzi ba hafi ba Zuma yafashwe n'igipolisi
Igipolisi muri Afrika y'epfo cafashe abantu batatu mu bikorwa vyo gusaka vyabereye no ku nzu imwe y'umuryango ukomeye cane ufitaniye ubugenzi n'umukuru w'igihugu Jacob Zuma.
Ico gipolisi cavuze ko abandi bantu babiri vyari vyitezwe ko bishikana bonyene ku biro vy'abapolisi.
Isakwa ry'ayo mazu rifitaniye isano n'inyuruzwa ry'amamiriyoni y'amadolari ya leta, yagomba gukoreshwa mu mugambi wo gufasha abarimyi b'abakene.
Amwe muri ayo mafaranga bivugwa ko yakoreshejwe mu bukwe bw'agakura bw'umuryango Gupta, ufitaniye ubugenzi bwa hafi n'umukuru w'igihugu.
Ibi bishitse mu gihe igihugu kirindiriye kwumva nimba bwana Zuma, ahakana ivyagiriji vya ruswa, aza gutanga imihoho nk'uko abisabwa n'umugamwe wiwe, ANC.