Igipolisi ca Kenya cafashe Abarundi baketswe kuja muri Al Shabaab

Igipolisi muri Kenya cafashe abantu bane vyibazwa ko ari Abarundi bakekwa kuba bari bagiye muri Somalia kwifatanya n'umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Al Shabaab.

Umuvugizi w'igipolisi, George Kinoti, yavuze ko abajejwe umutekano biyoberanije bari bakurikiye abo bakekwa, hamaze kuboneka amakuru y'uko bari bagiye muri Somalia.

Yavuze ko abo bane bafatiwe ku kirindiro c'abapolisi kw'ibarabara riri Isiolo, ku birometero 350 mu buraruko bwa Nairobi, berekeza ku rubibe rwa Kenya na Somalia mu muji wa Mandera.

Igipolisi kandi kivuga ko abo bane bari muri Kenya nk'abakerarugendo, mu mugambi wo kurengana ata ruhusha rwo kwinjira (visa) rukenewe, hagati ya Kenya n'u Burundi.

Abaserukiye u Burundi muri Kenya bavuze ko baza kugira ico bavuga kuri iryo fatwa nibamara kuvugana n'abajejwe intwaro muri Kenya.

Si ubwambere abanyamahanga bafatirwa ku butaka bwa Kenya bagiye muri Somalia.

Mu kwezi kwa mbere uno mwaka, umunye Tanzania yarafashwe n'abajejwe urubibe ariko aragerageza kwinjira muri Somalia ata ruhusha, agiye kwinjira muri uwo mugwi w'abarwanyi.

U Burundi ni kimwe mu bihugu bifise abasirikare muri Somalia mu mugambi wo guhagararira amahoro w'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, bagafasha leta ya Somalia gurwanya umugwi Al Shabaab.