Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Somalia: Al Shabaab yateye ikigo ca gisirikare kiri Kismayo
Amakuru aturuka mu binyamakuru vyo muri Somali amenyesha ko avuga ko igitero cagabwe ku kigo ca gisirikare ca Bala Gudud, catanguriwe n'igisasu caturikijwe mu modokari mu gatondo ka kare.
Igisasu catezwe mu modokari cabanjirije igitero co ku kigo ca gisirikare ca hafi y'icambu ca Kismayo, cakurikiwe n'urutavanako rw'amasasu yaturuka mu mihingo itandukanye.
Abanyagihugu bo muri Kismayo bavuga ko bumvise ikintu giturika, n'urwamo rw'amasasu.
Abasirikare baharugw amu majana bacumbikiwe muri ico kigo ca Bala Gudud.
Abagwanyi ba Al Shabaab bavuga ko bishe abasirikare bagera ku mirongo ibiri, ariko nta makuru yoi kwizerwa, ataho ahengamiye araboneka kuri ivyo.