Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugabo wahoze akomeye muri al-Shabaab yitanze
Abategetsi bo muri Somalia baravuga ko umugabo wahoze akomeye mu mutwe wa Al- shabaab, Mukhtar Robow, yishyize mu maboko ya leta.
Yitangiye n'abagize umutwe we witwaje intwaro mu mujyi wa Hudur uri mu majyepfo y'uburengerazuba bw'igihugu.
Bwana Robow yari yungirije umukuru wa al-Shabaab akaba n'umuvugizi w'uwo mutwe mbere yo gushwana nawo hashize imyaka ine.
Mu kwezi kwa gatandatu, Leta zunze ubumwe za Amerika zavanyeho igihembo cya miliyoni eshanu z'amadolari cyari kigenewe uzatanga uwo mugabo.
Biravugwa ko Mukhtar Robow akiri intagondwa igendera ku matwara akaze y'idini ya Islamu.
Umutwe wa al-Shabaab ukomeje kugenzura uduce twinshi two muri Somalia kandi ukunze kugaba ibitero shuma muri Kenya.