Umugore wa Prezida Mugabe ntiyorohewe muri Afrika y'epfo

Ahavuye isanamu, Reuters
Umugore w'umukuru w'igihugu wa Zimbabwe, Robert Mugabe, ntiyashoboye kwitaba inama y'abarongozi b'akarere yatanguye uno munsi muri Afrika y'epfo.
Grace Mugabe yasavye ubudahangarwa bw'uwuserukiye igihugu nyuma yo kwagirizwa ko yahohoteye umuranzi w'imideri mu ndwi iheze.
Yagomba kwitaba inama y'abatambukanyi b'abakuru b'ibihugu mu ntango y'inama y'akarere yatanguye uno munsi.
Abajejwe intwaro bavuga ko akiri muri Afrika y'epfo kandi ko ubudahangarwa yasavye buriko burihwezwa.

Ahavuye isanamu, Reuters
Igipolisi gishaka guhata ibibazo madamu Mugabe ku vyagiriji vyo guhohotera umuntu mw'ihoteri i Johannesburg.
Ico gipolisi cashize ubureretsi ku mbibe kugira uwo mudamu ntashobore guhunga igihugu.






