Umugore wa Prezida Mugabe ntiyorohewe muri Afrika y'epfo

Grace Mugabe yagirizwa guhohotera umuranzi w'imideri mw'ihoteli i Johannesburg

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Grace Mugabe yagirizwa guhohotera umuranzi w'imideri mw'ihoteli i Johannesburg

Umugore w'umukuru w'igihugu wa Zimbabwe, Robert Mugabe, ntiyashoboye kwitaba inama y'abarongozi b'akarere yatanguye uno munsi muri Afrika y'epfo.

Grace Mugabe yasavye ubudahangarwa bw'uwuserukiye igihugu nyuma yo kwagirizwa ko yahohoteye umuranzi w'imideri mu ndwi iheze.

Yagomba kwitaba inama y'abatambukanyi b'abakuru b'ibihugu mu ntango y'inama y'akarere yatanguye uno munsi.

Abajejwe intwaro bavuga ko akiri muri Afrika y'epfo kandi ko ubudahangarwa yasavye buriko burihwezwa.

Gabriella Engels, umuranzi w'imideri avuga ko yahohotewe na madamu Mugabe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Gabriella Engels, umuranzi w'imideri avuga ko yahohotewe na madamu Mugabe

Igipolisi gishaka guhata ibibazo madamu Mugabe ku vyagiriji vyo guhohotera umuntu mw'ihoteri i Johannesburg.

Ico gipolisi cashize ubureretsi ku mbibe kugira uwo mudamu ntashobore guhunga igihugu.