Amerika yasavye abanyagihugu bayo kwirinda kujya muri Nigeria
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zasohoye itangazo rishasha risaba abanyagihugu bayo gusubira kwiyubara gufata ingendo baja muri Nigeria, bivuye ku bibazo bikomeye vy’umutekano birimwo iterabwoba, ukunyuruza abantu hamwe n'imigumuko y'abanyagihugu.
Mw'itangazo ryasohowe ku musi wa gatatu, Amerika yashize uturere 23 two muri Nigeria ku rugero rwo hejuru rwo kugabisha, aho abanyagihugu babwirizwa kwirinda kuja muri ivyo bice na gato, kubera umutekano uvugwa ko uhungabanye cane.
Amerika kandi yemeje ko abakozi bayo batari ngombwa hamwe n’imiryango yabo bo muri ambasade iri i Abuja boshobora kuva muri ico gihugu, kubera uko umutekano uriko urunyuka.
Iri tangazo rije rikurikira ukwiyongera kw’ibitero vyahitanye abantu mu bice bitandukanye vy’igihugu, harimwo Plateau na Benue, hamwe n’ibitero vy’abarwanyi bo mu buraruko bushira ubuseruko.
Abategetsi ba Amerika bavuga ko ibitero bishobora kuba mu bibanza bihuriramwo abantu benshi nko mu masoko, mu mashuri no mu bibanza vyo kwiyunguruza.
Iyo mburi yerekana impungenge z'ukwiyongera kw'imigenderanire hagati y'imigwi y'intagondwa n'imigwi y'inkozi z'ikibi.
Abategetsi ba Nigeria ntibaragira ico bavuga kuri iri tangazo gushika ubu. Muri kahise, leta yaragiye inegura amatangazo nkayo, ivuga ko adaha agaciro intambwe imaze guterwa mu bijanye n’umutekano, kandi ko ashobora kugira ingaruka mbi ku bijanye n’urudandazwa , ingendo hamwe n'utwigoro two kuduza ubutunzi.
izindi nkuru wosoma: