CAF yemeje intsinzi ya Sénégal y'igikombe ca Afrika, ariko ifatira ibihano umumenyereza wayo n'abakinyi

Igisata kijejwe indero mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Afrika (CAF) cemeje intsinzi ya Sénégal mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca Afrika 2025 (AFCON 2025) rwaranzwemwo induru nyinshi, Sénégal ikaba yatsinze Maroc 1-0.

Iki gisata catesheje agaciro ibirego vyatanzwe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Maroc, maze cemeza ko Sénégal ari yo yatsindiye iki gikombe ca Afrika.

Hagati aho, cafatiye ibihano umumenyereza w'umugwi nserukiragihugu wa Sénégal, Pape Bouna Thiaw, yahagaritswe mu nkino zitanu za CAF "kubera inyifato yiwe itajanye n'ingingo ngenderwako" zigenga inkino hamwe no "gutesha agaciro urukino".

Ategerezwa kandi kuriha ihadabu y'ibihumbi ijana vy'amadorari y'Abanyamerika (100.000$).

Nta co umumenyereza Thiaw, canke aba bakinyi barashikiriza kuri izi ngingo za CAF.

Nk'uko itangazo rya CAF ribivuga, kuri ibi bihano vyafatiwe umumenyereza hiyongerako kandi ivyafatiwe abakinyi Iliman Sheikh Baroy Ndiaye na Ismaïla Sarr bahagaritswe mu nkino za CAF zibiri zibiri "kubera inyifato itabereye" berekanye imbere y'umuhagarikizi.

Hagati aho, umugwi nserukiragihugu wa Sénégal waciriwe ihadabu y'ibihumbi 615 vy'amadorari y'Abanyamerika (615.000$), kubera akaguma katewe na bamwe mu bafana ba Sénégal, inyifato itabereye y'abakinyi n'abarongoye umupira w'amaguru, hamwe n'amakarata atanu yahawe abakinyi bayo muri urwo rukino.

Ni ibiki vyabaye?

Muri urwo rukino rwabaye ku wa 18 Nzero (1) 2026, hagati ya Maroc na Sénégal, umuhagarikizi w'urukino, Umukongomani Jean-Jacques Ndala yahaye Maroc 'penalty', ni ukuvuga wa mupira utererwa ku metero 11 uvuye kw'igori, ingingo yateje amahane, maze abakinyi baca bava mu kibuga ku kamo batewe n'umumenyereza, urukino ruca rurahagarara.

Sadio Mané ntiyemeye kuva mu kibuga, abarorereye uru rukino bakaba bibuka ingene yaguma abumvisha ko bosubira mu kibuga ariko bikanka, gushika n'aho ashika mu cumba c'iyambariro (vestiaire) kubumvisha ko bitabereye.

Urukino rwaramaze iminota irenga 15 rwahagaze, ariko ruvamwo rurabandanya bamaze kugaruka mu kibuga, umunyegori Édouard Mendy yakuyemwo penaltyizwi nka 'Panenka' yatewe na Brahim Díaz, urukino ruza kurangira ari 0-0.

Vyabaye ngombwa ko haba ca gice c'inyongera c'iminota 30 kugira ngo haboneke uwotsinda, hakaba ari muri ico gice Sénégal yinjije igitsindo kimwe cayihaye igikombe.

Abarongoye umupira w'amaguru, harimwo n'umukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu, FIFA, Gianni Infantino – yari mu kibuga igihe uru rukino rwariko ruraba – bavuze ko iyo nyifato idashobora kwihanganirwa, baca basaba ko hafatwa ibihano.

Eka n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Maroc (Fédération Royale Marocaine de Football, FRMF mu mpfunyapfunyo) ryaritwaye rivuga ko Sénégal yahonyanze ingingo za 82 na 84 zigenga ihiganwa ry'igikombe ca Afrika.

Ni ingingo zishobora gutuma umugwi ufatirwa ibihano bikomeye, harimwo guterwa impaga y'ibitsindo 3-0, kwemeza ko watsinzwe, gukurwa mw'ihiganwa, n'ibindi ruhasha.

Maroc yarondera ko intsinzi ya Sénégal ifutwa, ariko vyarangiye CAF yemeje ko Sénégal ari yo yatsindiye igikombe ca Afrika mu mupira w'amaguru mu 2025.

Vyongeye, hari n'abakinyi ba Maroc, na bo nyene bafatiwe ibihano, nka Achraf Hakimi yahagarikiwe inkino zibiri, Ismaël Saibari yahagarikiwe inkino zitatu kandi agategerezwa kuzotanga n'ihadabu z'ibihumbi 100 vy'amadorari y'Abanyamerika (100.000$).

Eka n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Maroc (FRMF) ryatangishijwe ihadabu ry'ibihumbi 315 vy'amadorari y'Abanyamerika (315.000$) ku nyifato itabereye ya ba bana bajejwe gutora imipira igiye hanze, kuvogera bwa buhinga bwa videwo (VAR) bakagora umuhagarikizi mu gikorwa ciwe, hamwe n'abafana bakoresheje vya bikoresho birekura imbeya (lasers) muri urwo rukino.

Nta co ishirahamwe FRMF, canke abakinyi ba Maroc, barashikiriza ku cemezo ca CAF.

Maroc na Sénégal vyiteze guserukira Afrika mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose gitegurwa na FIFA, rizobera muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Canada na Mexique muri uno mwaka wa 2026.

Mu gihe hari ubwoba ko ibi bihano bishobora kugira ingaruka atari nziza ku bakinyi muri iri higanwa, itangazo rya CAF ryerekana ko ibi bihano vyerekeye gusa inkino za CAF, ntibiraba inkino za FIFA.