Mwakoze cyane kubana natwe!
Aha ni ho dusoreje gahunda yacu y'uyu munsi y'amakuru yo mu buryo bw'aka kanya. Mwakoze cyane kubana natwe!
Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Perezida w'Amerika avuga ko igihe Irani yaba imanitse amaboko, Amerika n'inshuti zayo bazayigira "nziza cyane, ndetse ikomere cyane kurusha mbere".
Chancard Abimana, Didier Bikorimana na Dinah Gahamanyi
Aha ni ho dusoreje gahunda yacu y'uyu munsi y'amakuru yo mu buryo bw'aka kanya. Mwakoze cyane kubana natwe!
Perezida w’Amerika Donald Trump avuga ko “nta masezerano na Irani azabaho URETSE KUMANIKA AMABOKO NTA MANANIZA”.
Mu butumwa yanditse ku rubuga nkoranyambaga rwe rwitwa Truth Social, Trump yongeyeho ati:
“Nyuma y’ibyo, hamwe n’itoranywa ry’Umuyobozi (Abayobozi) MWIZA CYANE & WEMEWE, twebwe, hamwe n’inshuti zacu nziza cyane kandi z’intwari cyane n’abafatanyabikorwa bacu, tuzakora nta gucogora mu gukura Irani hafi y'irimbuka, ibe nini cyane mu bukungu, ibe nziza cyane, ndetse ikomere cyane kurusha mbere.
“IRANI IZAGIRA EJO HAZAZA HEZA CYANE. ‘KONGERA KUGIRA IRANI IGIHANGANGE (MIGA!).’”
['MAKE IRAN GREAT AGAIN (MIGA!).'"]
Izindi nkuru wasoma:
Perezida wa IraniMasoud Pezeshkian avuga ko “ibihugu bimwe byatangiye ibikorwa by’ubuhuza”, ariko ntiyavuze ibyo ari byo.
Mu butumwa yatangaje ku mbuga nkoranyambaga, yagize ati: “Ibihugu bimwe byatangiye ibikorwa by’ubuhuza. Reka dusobanure neza: twiyemeje amahoro arambye mu karere ariko nta gushidikanya dufite mu kurwana ku cyubahiro no ku busugire bw’igihugu cyacu.
“Ubuhuza bukwiye kureba abakerensheje [abasuzuguye] Abanya-Irani bagakongeza iyi ntambara.”
Perezida Pezeshkian avuze ayo magambo mu gihe ibihugu bituranyi bya Irani by’Abarabu birimo gusuzuma igisubizo cyabyo ku bitero bya misile bya Irani byibasira ibigo bya gisirikare by’Amerika n’ibikorwa-remezo bya gisivile n’iby’ingufu z’amashanyarazi byo muri ibyo bihugu.
Izindi nkuru wasoma:
Polisi y'Ubwongereza yatangaje ko abantu bane batawe muri yombi mu rwego rw'iperereza ku kurwanya ibikorwa by'iterabwoba bifitanye isano na Irani.
Abatawe muri yombi ni Umunya-Irani n'abandi batatu b'Abongereza bafite n'ubwenegihugu bwa Irani, bakekwaho gufasha inzego z'ubutasi zo mu mahanga.
Polisi yavuze ko gutabwa muri yombi kw'abo bantu bifitanye isano n’iperereza rikekwa gukorwa ahantu hanyuranye no ku bantu bafitanye isano n’imiryango y’Abayahudi mu mujyi wa Londres (London).
Komanda Helen Flanagan, ukuriye ishami rishinzwe kurwanya iterabwoba i Londres, yavuze ko gutabwa muri yombi kw’abo bantu ari rimwe mu maperereza y'"igihe kirekire kandi ni igice cy’akazi dukomeje gukora ko kuburizamo ibikorwa by’ubugizi bwa nabi aho tubikeka".
Yagize ati: “Turabyumva ko abaturage bashobora kuba bafite impungenge, by'umwihariko imiryango y’Abayahudi, kandi nkuko bisanzwe, nabasaba gukomeza kuba maso kandi nibabona cyangwa bakumva ikintu kibahangayikishije, ubwo bakatumenyesha.”
Ubwo yaganiraga nateleviziyo ITV yo mu Bwongereza, mu kiganiro Good Morning Britain, nyuma gato y’uko inkuru y’ifatwa ry’aba bantu imenyekanye, Minisitiri w’intebe wungirije David Lammy yagize ati:
“Irani ni yo leta ya mbere ku isi itera inkunga iterabwoba, kandi ikibabaje ni uko iryo urebye riri no muri sosiyete [umuryango mugari] yacu ubwayo.”
Umuntu w'imyaka 40 n'umuntu w'imyaka 55 bafatiwe mu gace ka Barnet k'i Londres, naho umuntu w'imyaka 52 afatirwa i Watford, mu gihe undi muntu w'imyaka 22 yafatiwe i Harrow, uduce twombi natwo tw'i Londres.
Gushakisha birakomeje i Watford, i Barnet, n'ahandi hantu h'i Wembley.
Abo bagabo bane batawe muri yombi hakurikijwe itegeko ry’umutekano w’igihugu, ryashyizweho mu 2023 kugira ngo rinoze amategeko yo kurwanya ubutasi, no kurwanya kwivanga kw’abanyamahanga.
Abandi bagabo batandatu, bafite imyaka 29, 39, 42, 49 n'abandi babiri buri umwe w'imyaka 20, batawe muri yombiaho hantu hamwe iHarrowbakekwaho gufasha ukekwaho icyaha.
Bose hamwe uko ari 10 bajyanwe muri kasho.
Izindi nkuru wosoma:
Umuririmvyi rurangiranwa w’umudiho wa pop, Britney Spears, yafatiwe muri leta ya California yagirizwa gutwara imodoka yanyoye inzoga n'ibiyayuramutwe.
Abategetsi bavuga ko uwo muririmvyi yahagaritswe n'abapolisi bo muri California nk'igihe c'isaha zitatu n’igice (21:30) ku masaha yo muri Amerika ku musi wa gatatu, inyuma y'amakuru avuga ko imodoka yo mu bwoko bwa BMW430i yirabura yariko igenda mu buryo butabereye kandi ku muvuduko mwinshi mw'ibarabara rya US-101.
Igipolisi kivuga ko Spears yerekanye ibimenyetso vy’uko ashobora kuba yanyoye inzoga canke ibiyayuramutwe, hanyuma aremera gukora ibipimo bitandukanye vyo kuraba ko yifashe neza.
Mu nyuma yaciye ajanwa ku bitaro gupimwa amaraso, nk'uko bisanzwe bitegekanijwe muri iyo reta ku bantu bakekwako batwaye imodoka banyoye.
Abajejwe intwaro bavuga ko ivyavuye muri ivyo bipimo vy’amaraso bitaraja ahabona.
Spears yarekuwe mu gitondo co ku wa kane, vyitezwe ko yitaba sentare nkuru yo mu karere ka Ventura itariki 4 z'ukwezi kwa gatanu.
Uwuserukira uwo muririmvyi yabwiye BBC ko ivyabaye "biteye agahinda kandi ntibishobora kubabarirwa na gato", yongerako ko Spears agiye gufashanya n’abategetsi uko bishoboka, kandi ko agiye kwitwararika ubuzima bwiwe.
Izindi nkuru wosoma :
Muri iyi ntambara ya Amerika na Israel hamwe na Iran, abamenyeshamakuru ba BBC bararungitswe mu bihugu vyose vyo mu Buseruko bwo Hagati. Naho batari ku butaka muri Irani, bagenzi bacu na bo nyene barashoboye kuvugana n’abantu bamwebamwe bo muri ico gihugu naho internet yacitse.
Ibi ni bimwe mu vyo abantu bariyo batubwiye:
Izindi nkuru wosoma:
Minisiteri y'ingabo ya Qatar ivuga ko ingabo zayo zirwanira mu kirere zashoboye kuburizamo igitero cy’indege zitajyamo abapilote(drone) cyari kigamije gutera ku kigo cy'indege za gisirikare cya al-Udeid, ikigo kinini cya gisirikare cy'Amerika mu Burasirazuba bwo Hagati.
Ibi bitangajwe nyuma y’uko reta ya Qatar mbere yaho yari yohereje ubutumwa bw’umutekano kuri telefone zigendanwa zo muri icyo gihugu, ikaburira abaturage kwirinda bakava ku madirishya n’ahantu harangaye.
Izindi nkuru wosoma:
Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, n'umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi, Pete Hegseth, baneguye Ubwongereza kuba bwanka ko ibirindiro vya gisirikare vyabwo mu karere k'uburasirazuba bwo hagati bikoreshwa mu kugaba ibitero kuri Irani.
Trump yamenyesheje uko ibintu vyifashe muri Irani mu nama yabereye mu biro vy'umukuru w'igihugu, White House.
Ku ruhande rwiwe, Hegseth yavuze ati: "Ikibabaje ni uko Ubwongereza bwanse ivyo twasavye kuva ku musi wa mbere."
Abandanya ati: "Ariko twarashitse ku ntumbero yacu. Twarashitseyo, kandi ivyo ubu biri mu mugambi turiko turakoresha mu gutera ibitero vy'indege... Hari abasirikare b’abarwanyi benshi, inguvu nyinshi, ubushobozi bwo kwikingira, n'ibitero vyinshi."
Yongeyeko ati: "Igitigiri c’ibitero bigabwa kuri Irani kigiye kwongerekana cane."
Hegseth kandi yavuze ko Amerika na Israel bariko bararondera abahohoteye abiyerekana muri Irani.
Hegseth yavuze ati: “Uko murushiriza kubikora, mugasambura intumbero yabo n’ubushobozi bwabo, ni ko murushiriza gutuma abantu baronka akaryo ko guhaguruka badatinya.”
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Keir Starmer yavuze ko atiteguriye ko Ubwongereza bwinjira mu ntambara avuga ko ata shingiro riboneka kandi itiyumviriweko neza.
Izindi nkuru wosoma:
Umukuru w’ingabo za Amerika zikorera mu burasirazuba bwo hagati, Admiral Brad Cooper, yavuze ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zimaze kurasa ubwato burenga 30 bwa Irani gushika ubu.
Yongeyeko ati: “Haciye amasaha makeyi gusa, twateye ubwato bwa Irani bwari bufise indege zitagira abapilote, bunini bungana n’ubwato bwatwara indege mu gihe c’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose. Ubu buriko burasha.”
Yavuze kandi ko mu masaha 72 aheze Amerika imaze gutera ibisasu ku bibanza bigera hafi kuri 200 biri muri Irani.
Izindi nkuru wosoma :
Hezbollah yaburiye Abanya-Israel kuva mu mijyi iri muri kilometero 5 uvuye ku mupaka na Libani.
Uyu mutwe wo muri Libani waburiye ibi mu gitondo cyo kuri uyu wa gatanu mu butumwa bwo ku rubuga nkoranyambaga rwa Telegram bwo mu rurimi rw’Igiheburayi, nkuko bitangazwa n’ibiro ntaramakuru Reuters.
Hezbollah yagize iti: "Ubushotoranyi bw’igisirikare cyanyu ku busugire bwa Libani no ku mutekano w’abaturage, isenywa ry’ibikorwa-remezo bya gisivile hamwe n’igikorwa cyo kwirukana [igisirikare cyanyu] kirimo gukora ntabwo bizagenda nta cyo bikozweho [nta ngaruka].”
Igisirikare cya Israel (IDF) cyatangiye urukurikirane rw’ibitero kuri Libani ku mugoroba wo ku wa kane, nyuma yo gusaba abantu bo mu bice byo mu nkengero y’amajyepfo ya Beirut kuhava, ibyo bice bikaba ari indiri ya Hezbollah.
Mbere yaho gato, IDF yanavuze ko yatangiye “urukurikirane rw’ibitero byagutse ku bikorwa-remezo by’ubutegetsi bw’iterabwoba bwa Irani i Tehran.”
Izindi nkuru wasoma:
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.