Burundi: Bunyoni yarekuwe inyuma y'imyaka hafi itatu mu munyororo
Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi yarekuwe inyuma y'imyaka hafi itatu mu munyororoku murwa mukuru i Gitega.
Umwe mu bantu ba hafi cane mu muryango wa Bunyoni yemereye BBC ko yarekuwe.
Umwe mu bakuriye igendereza mu Burundi nawe yemereye BBC Gahuzamiryango ko Bunyoni hamwe n'abandi bantu 10 barekuwe ku mvo z'uburwayi.
Bunyoni yapfunzwe yagirizwa ibyaha birimwo:
- guhungabanya umutekano w'igihugu;
- guhungabanya ubutunzi bw'igihugu;
- gukoresha amangetengete agomba kugandagura umukuru w'igihugu
- kuronka amatungo aciye mu nzira zitagororotse nk’ibiturire
- gutunga ibigwanisho adafitiye uruhusha
Ibyaha wewe yagumye ahakana.
Mu 2023 sentare mu Burundi yamuciriye umunyororo wo guherayo.
Bunyoni arekuwe inyuma y'amazi havugwa yuko amagara yiwe yifashe nabi.
Izindi nkuru wasoma: