CAN 2021: Mali yatsinze Tunisia mu rukino rwaheze mu mpari

Penaliti ya Irahima Kone

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibrahima Kone yinjije igitsido c'intsinzi ku munota wa gatatu w'igice ca kabiri

Mali yatsinze Tuniziya 1-0 mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika c'umupira w'amaguru, mu rukino rwarangiye mu mpari zikomeye mu gihe umuhagarikize yavugije ifirimbi yanyuma hataragera.

Umumenyereza w'ikipe Aigles du Carthage, Mondher Kebaier hamwe n'abamufasha kumenyereza baciye binjira mu kibuga guhangana n'umuhagarikizi Janny Sikazwe nyuma yo kurangiza urukino hasigaye iminota.

Bwana Sikazwe yabanje kurangiza urukino ku munota wa 85, abantu bose bagwa mu gahundwe nawe aravye isaha yiwe arabona yuko yihenze, niho yabaza abo bakorana aca afata ingingo yo kubandanya urukino.

Ariko naho nyene ku munota wa 89 yaciye arangiza urukino mu gihe vyagaragara ko hategerezwa kuba umwanya wongerwako.

Ikiganiro n'abanyamakuru kimaze gutangura, abateguye ihiganwa bategetse ko urukuno rubandanya gushika ruheze.

Ariko, Tuniziya yanse gusubira mu kibuga hanyuma Mali ica yegurirwa intsinzi.

Hagati aho, Tuniziya yananiwe penaliti yari yatanzwe naho nyene habanje kuba impari, umuhagarikizi abwirizwa kuraba television imwereka ivyabaye (VAR).

Ibindi biraza gukurikira.