Tokyo Olympics: umu kenya Eliud Kipchoge yashoboye kurwanira umudari wiwe wa marathon

Eliud Kipchoge

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Eliud Kipchoge yabaye umunonotsi wa mbere yirutse marathon mu kiringo kiri musi y'amasaha abiri mu kw'icumi 2019

Umukenya Eliud Kipchoge avuga ko yagumanye iragi ryiwe inyuma y'aho abereye umunonotsi wa mbere atsindiye ku ncuro ya kabiri yikurikiranya ikibanza ca mbere muri marathon mu nkino za olempike i Tokyo, kuva mu 1980.

Kipchoge, uwa gatatu yikurikiranije mu gutsindira umudari w'inzahabu mw'ihiganwa rya marathon mu nkino za olempike, yirutse mu kiringo c'isaha, n'iminota umunani hamwe n'amasegonda 38.

Uyu mukenya w'imyaka 36 afatwa nk'umwirutsi wa mbere w'ibihe vyose muri marathon, yasize uwamukurikiye, umunya Hollande Abdi Nageeye, umunota wose n'amasegonda 20.

Mu bariko barwanira umudari wa bronze, umubirigi Bashir Abdi yasize umukenya Lawrence Cherono.

Kipchoge ati: "Nibaza ko nagumanye umurage mu gutsinda marathon ku ncuro ya kabiri nikurikiranya. Ubu rero ndibaza ko ngiye gufasha abo muri kazoza".

Yabwiye BBC Sport ati: "Tokyo 2020 yabaye, bisigura vyinshi. Bisigura ko hari icizere. Bisigura ko turi mu nzira nziza tugana mu buzima busanzwe".

"Turi mu nzira nziza tugana mu buzima busanzwe, iyi niyo nsiguro y'izi nkino za olempike".

"Ndaryohewe kubona nashoboye kurwanira umudari wanje no kwereka abo muri kazoza ko iyo wubashe inkino ukagira indero, urashobora gushika kw'ihangiro".

Ni umudari wiwe ugira kane mu nkino za olempike kuri Kipchoge, umunonotsi yaciye umuhigo mu 2019, igihe arangiza marathon mu kiringo kiri musi y'amasaha abiri, ibitari bwigere bibaho mu mateka ya marathon.

Mu kw'icumi umwaka uheze, Kipchoge niho yatsindwa ubwa mbere mu myaka indwi yose, hari i Londres, ariko mw'ihiganwa ryabereye i Sapporo mu Buyapani, yabonetse ko yari afise ibintu mu minwe, amaze kwiruka ibirometero 30 akaba ari ho yaca yerekana ubudasa.

Uyu mukenya asanzwe ari we yatsindiye marathon mu masaha abiri n'umunota umwe hamwe n'amasegonda 39 i Berlin mu 2018 - yatahukanye ubwa mbere umudari wa bronze mu 2004 ku metero 5000 yongera atsindira umudari w'ifeza mu 2008, imbere 'yuko atsindira umudari w'inzahabu wa mbere muri olempike i Rio muri Brésilmu myaka itanu iheze.

Ku wa gatanu, umukenyakazi Peres Jepchirchir nawe yari yatsindiye marathon ku ruhande rw'abagore.

Ibintu ntivyagenze neza kuri ba banonotsi bo mu Burundi no mu Rwanda, kuko Olivier Irabaruta yarangije ari mu kibanza ca 39, aho yakoresheje amasaha abiri n'iminota 17 hamwe n'amasegonda 44 (2h17'44").

Umunyarwanda John Hakizimana yari mu bahiganwa na Kipchoge wewe ntiyashoboye kurangiza ihiganwa., ku mpamvu zitaramenyekana.

Ejo ku wa gatandatu, Francine Niyonsaba yarangije mu kibanza ca gatanu mw'ihiganwa ryo kwiruka ku metero 10000 ku ruhande rw'abagore, akaba yakoresheje iminota 30 n'amasegonda 41 n'ibice 93 (30:41.93).

Muri ibi bihugu bibiri, nta munonotsi n'umwe ashoboye gutahukana umudari muri izi nkino za olempike zariko zibera i Tokyo, mu mwanya uri imbere hakaba hitezwe ibirori vyo kuzirangiza.