Mohamed Amissi w'Intamba z'u Burundi yaguzwe n'umurwi wo mu cicaro ca mbere mu Buholande

Mohamed Amissi

Ahavuye isanamu, @akezanet

Insiguro y'isanamu, Mohamed Amissi yahora akinira umurwi NAC Breda wo mu gihugu c'Ubuholande

Umukinyi Mohamed Amissi asanzwe akinira umurwi nserukiragihugu w'Uburundi yaguzwe n'umurwi Heracles Almelo wo mu kicaro cya mbere mu Buholande.

Uyo mukinyi yari mu batoya cane mw'ihiganwa rya CAN 2019 yasinyiraniye amasezerano y'imyaka ibiri n'uyo murwi ejo ku wa kabiri, amasezerano ashobora kwongerezwa.

Uyo mukinyi w'Intamba mu Rugamba aheruka gukinira Uburundi mw'ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu CAN 2019 riheruka mu kwezi guheze kw'indwi.

Imbere y'aho yari ku rutonde rw'abakinyi b'Intamba mu Rugamba mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika ry'abatarenza imyaka 20 ryabereye muri Niger mu kwezi kwa kabiri uno mwaka.

Vyitezwe ko mu ntango azokina mu murwi ugira kabiri w'abatarenza imyaka 23 wa Heracles Almelo isanzwe iri mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru ry'Ubuholande, Eredivisie.

Mohamed Amissi w'imyaka 19 yahora akinira umurwi NAC Breda wo muri ico gihugu c'Ubuholande, yari yinjiyemwo mu mwaka wa 2014, avuye mu murwi w'urwaruka wa Anderlecht mu Bubirigi.

Tim Gilissen, umumenyereza w'uwo murwi muvyo ubuhinga arishimiye uyo mukinyi, akavuga ko bazomufasha gutera imbere.

"Mo ni umukinyi wo ku ruhande rw'ibubamfu afise ubuhinga bwinshi. Tuzomuha akaryo ko gutera imbere kugira ngo arabe ko yoshika mw'ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere, Eredivisie".

Uyo mukinyi afise se w'umubirigi na nyina w'umurundikazi yari mu bakinyi bane batoya gusumba abandi mw'ihiganrwa rya CAN 2019 riheruka mu Misiri, yari atarakwiza imyaka 19.