Intamba z'Uburundi n'Imisambi ya Uganda ni iyihe izotsinda ikaja muri CHAN 2020?

Intamba n'imisambi
Insiguro y'isanamu, Intamba n'Imisambi ni iyihe izakomeza?

Intamba mu Rugamba z'Uburundi ziteze guhura n'Imisambi ya Uganda mu nkino z'igice ca kabiri z'uguhiganirwa kuja mu gice ca nyuma c'ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu igizwe n'abakinyi bakinira iwabo (CHAN 2020) rizobera muri Kameruni.

Mu rukino rwabaye ejo ku wa Mungu, Intamba zatsinze Sudani y'Epfo ibitsindo bibiri kuri kimwe mu rukino rw'ugusubiza, mu gihe mu rukino rwa mbere rwabereye i Bujumbura ku wa 27 z'ukw'indwi zari zatsinze Sudani ibitsindo bibiri ku busa.

Urwo rukino rwabereye i Kampala muri Uganda kubera ikibuga ca Sudani y'Epfo kiriko gisubirwamwo. Mu rundi rukino rwabaye muri aka karere, Tanzania yasezereye Kenya kuri za penelite.

U Rwanda rwo rwaronse uburenganzira bwo kubandanya mu gice ca kabiri kuko rufise amanota meza mu mahiganwa ya CHAN y'imbere, rwakinye CHAN 2011, 2016 na 2018. Mu 2016 rwageze mu gice ca kane gishira ica nyuma.

Sudani y'Epfo niyo yatanguye kwinjiza igitsindo mu ntango z'urukino, ariko Iddy Muselemu na Olivier Dusabe batsindiye Intamba ibitsindo bibiri mu gice ca kabiri c'urwo rukino.

Iyo ntsinzi yatumye Uburundi busezerera Sudani y'Epfo ku bitsindo 4-1 vyose hamwe biteranijwe.

Imisambi ya Uganda yo yasezereye Somalia inyuma y'ukuyitsinda ibitsindo indwi mu nkino zibiri zahuje ivyo bihugu, urukino rw'ejo rukaba rwarangiye Uganda ikubise Somalia ibitsindo bine kuri kimwe.

Kahise k'Imisambi n'Intamba.

Imirwi y'ibi bihugu araheruka yompi mu nkino z'igikombe ca Afurika, n'aho muri iri higanwa iba ikinisha abakinyi barimwo n'abakina hanze y'ibihugu vy'iwabo.

Olivier Niyungeko, umumenyereza w'Intamba mu Rugamba

Ahavuye isanamu, akeza.net

Insiguro y'isanamu, Olivier Niyungeko, umumenyereza w'Intamba ati "Turiteze kuronka uburenganzira bw'ukuja muri CHAN ku ncuro ya kabiri ariko vyose bizovana n'ingene twigenjeje"

Intamba mu Rugamba zimaze kuja muri CHAN incuro imwe, hari mu 2014 muri Afrika y'Epfo, Imisambi ya Uganda yoyo imaze kuja muri iryo higanwa incuro zine kuva ritanguye mu mwaka wa 2009.

Kuva mu 2000, mu nkino cumi zimaze guhuza ivyo bihugu muri rusangi, Uganda imaze gutsinda incuro indwi, Uburundi butsinda incuro zibiri gusa, aho hari mu 2001 na 2011, binganya mu rukino rumwe mu mwaka wa 2017.

Muri iryo higanwa rya CHAN 2020, Uburundi, Sudani y'Epfo, na Uganda bihurikiye muri Zone y'uburasirazuba bwo hagati kumwe n'ibihugu vya Somalia, Ethiopia, u Rwanda, Tanzaniya, Djibouti, Sudani na Kenya.

Muri aka karere, mu gice gikurikira imirwi izohura mu kwezi kw'icenda n'ukw'icumi muri ubu buryo;

Uganda v Burundi, Tanzania v Sudan, Ethiopia v Rwanda

Imirwi izotsinda muri izi nkino izoca ironka uburenganzira bwo kwitaba igice ca nyuma c'ihiganwa rya CHAN 2020.