Ayavugwa mu mupira w'amaguru i Bulaya 18.07.2019: Pogba, Koscielny, Zaha, Maguire, Sane

Ahavuye isanamu, Getty Images
Real Madrid itegura gutanguza urugamba yise ''Operation 200'' aho bashaka kugurisha abakinyi Gareth Bale w'imyaka 30 na James Rodriguez w'imyaka 28, kugira ngo bashobore kuronka amahera akenewe y'ukugurua umukinyi wo hagati wa Manchester United, Paul Pogba. (Marca, via Sun)
Neymar yugururiye imiryango Manchester United mu gihe uyo mukinyi wa Brezili yipfuza cane kuva mu murwi Paris Saint-Germain. (Mundo Deportivo, via Sun)

Ahavuye isanamu, AFP
Barcelona iriko yihweza uburyo bushoboka bwo gusubira kugarukana Neymar, bumwe muri bwo bukaba ari kumuzana nk'intizo muri rino ci, ariko bagashobora kumugura mu kiringo c'umwaka. (Sport, via Express)
Umumenyereza wa Chelsea, Frank Lampard, ategerezwa gufata ingingo nimba yokwongera gusinya amasezerano n'umukinyi Willian. Uyo munya Brezili w'imyaka 30 asigaje ikiringo c'umwaka umwe gusa ngo amasezerano yiwe na Chelsea arangire, Barcelona ikaba yipfuza kumugura ku miliyoni 30 z'amapawundi. (Express)
Umumenyereza mukuru wa Newcastle, Steve Bruce, ashobora guhabwa imiliyoni 90 z'amapawundi kugira ngo agure abakinyi muri iki kiringo. (Sky Sports)
Hoffenheim yemeje ko umusatirizi Joelinton w'imyaka 22, ari mu "biganiro bikomeye" n'umurwi wo muri Premier League - Newcastle United ikaba ifise icizere ko ishobora kugura uyo musatirizi w'umunya Brezili ku giciro kitari bwigere kibaho muri uwo murwi. (Chronicle Live)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Leicester City, Brendan Rodgers, yagabishije Manchester United ko ifise ikiringo ntarengwa nimba yipfuza kugura umukinyi w'inyuma Harry Maguire w'imyaka 26. (Star)
Rodgers arashima ubuhinga bwa Maguire, akavuga ko "atekanye" ku bijanye n'icipfuzo ca Manchester United co kugura uyo mukinyi w'inyuma. (Independent)
Liverpool nta mugambi ifise w'ukugurisha umunyegori Simon Mignolet w'imyaka 31, kandi nta n'umugambi ifise wo gutiza uyo mukinyi imbere y'uko ikiringo c'ukugura n'ukugurisha abakinyi kirangira. (Liverpool Echo)
Umukinyi w'inyuma wa Arsenal, Laurent Koscielny w'imyaka 33 yiteze ibiganiro bitoroshe kandi n'umushahara wiwe ushobora kugabanywa inyuma y'aho yankiye kujana n'abandi bakinyi mu mikino y'ukwitegurira ihiganwa ryimirije. (L'Equipe)

Ahavuye isanamu, Reuters
Manchester United yahambije iyindi mirwi iriko irondera kugura umukinyi wo hagati w'umurwi wa Roma, Nicolo Zaniolo, w'imyaka 20. (Mirror)
Umusatirizi Romelu Lukaku, 26, aripfuza kuva mu murwi wiwe wa Manchester United akaja gukinira Inter Milan wo mu Butaliyano. (Times)
Amasezerano hagati ya Tottenham n'umusatirizi wa Espanye, Fernando Llorente, yaraheze, ubu akaba ariko yihweza nimba yokwimukira mu murwi wa Fiorentina wo mu Butaliyano imurondera. (Mail)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Unai Emery arashimangira ko Arsenal iriko ikora ivyo ishoboye vyose kugira igure abakinyi ''batatu canke bane" imbere y'uko ihiganwa ryimirije ritangura. (Independent)
Umukinyi wo hagati Granit Xhaka ari mu kibanza ciza c'ugusubirira Koscielny nka kizigenza wa Arsenal. (Telegraph)
Amakuru yuko Arsenal iriko irondera umukinyi w'inyuma wa Celtic, umunya Ecosse Kieran Tierney, ari mu bivugwa cane muri kino gihe, ariko uwo murwi ukaba ushobora guhangana n'abakeba barondera uyo mukinyi w'imyaka 22. (Scotsman)

Ahavuye isanamu, Reuters
Arsenal iragabishwa ko "ata n'uko yegereje" igiciro gisabwa n'umurwi Crystal Palace ku musatirizi Wilfred Zaha w'imyaka 26. (Mirror)
Pep Guardiola yugururiye imiryango umukinyi Leroy Sane w'imyaka 23 ari ku giciro c'imiliyoni 100 z'amapawundi, amubwira ko ashobora kwigira mu gihe yoba yumva bitamushimisha kuguma muri Manchester City. (Mirror)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Burnley irashaka kugurisha umunyegori wayo Umwongereza Tom Heaton w'imyaka 33 ku miliyoni 12 z'amapawungi. (Birmingham Mail)
Hari amakuru ariko akwiragizwa ko Ashley Cole ashobora kuba umwe mu bamenyereza b'umurwi Chelsea, inyuma y'aho yerekaniye ifoto yiwe ari ku kibuga c'indege aho yatera aja mu gihugu c'Ubuyapani iyo uwo murwi usanzwe uri mu myimenyerezo. (Mirror)










