Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intamba mu Rugamba zifise urukino ruhambaye kurusha izindi zose zimaze gukina
Robert Patrick Misigaro, BBC.
Intamba ziri mu mugwi B muri izi nkino z'igikombe ca Afrika zibera mu Misiri aho ziri kumwe na Madagascar, Nigeria na Guinea.
Nyuma yo gutsinda Guinea 1-0 mu rukino rw'ejo, Nigeria yarabandanyije mu gice c'ijonjora mu gihe izindi kipe zitatu zo mu mugwi B zitaramenya uko bigiye kugenda.
U Burundi buramaze gutsindwa rimwe na Nigeria nyene, bukaba ari bwo bugise amanota ubusa mu mugwi kuko Guinea na Madagascar zifise inota rimwe rimwe nyuma yo kunganya mu rukino rwa mbere.
Kuki uru rukino ruhambaye ku Ntamba mu Rugamba?
Gutsindwa ni ikintu intamba zitohirahira ngo zishire mu mutwe kuko kiretse ku bw'amahirwe, biragoye kugira zishobore kubandanya, naho zotsinda urukino rwa nyuma na Guinea ku munsi wa Mungu.
Intamba zitsinzwe kabiri zikurikiranya bishobora kuzica intege zikaja mu rukino rwa nyuma na Guinea zaradebukiwe, naho kurutsinda vyoziha itike yo kubandanya mw'ijonjora.
Kunganya naho ni hahandi kuko bigumiza intamba mu kibanza kitari ciza.
Amahirwe meza rero yo kubandanya mw'ijonjora ni gutsinda urukino rwo mukanya na Madagascar, kuko kiretse amanota atatu zica zironka, biranazongera ingoga no kwigirira icizere.
Intsinzi kandi yoba ari iya mbere u Burundi bugize mw'ihiganwa nk'iri, ikintu ngirakamaro cane ku mupira w'amaguru mu Burundi, kuko hari ibihugu vyinshi bija mu gikombe ca Afrika bikavayo bidatsinze na rimwe.
Gutsinda Madagascar birashoboka?
Mu mupira w'amaguru nta kidashoboka, kandi uravye abakinyi Madagascar ifise n'abo Intamba zifise, ntacobuza ko zitsinda.
Ariko Madagascar ifise umukino unyaruka kandi urimwo inguvu nk'uko vyigaragaje mu rukino na Guinea, kandi abakinyi bayo b'imbere ntibatinya kwitanga kugira batsinde.
Intamba mu Rugamba zitegerezwa gushira Madagascar ku murundi wazo, ntizireke ngo izinyarukane nk'uko ibigenza. Abakinyi b'imbere kandi bategerezwa gutera kenshi kandi imipira ikomeye.
U Burundi burazwi mu kuzibira neza, ibintu vya nkenerwa, ariko mu rukino rw'uno munsi gusatira bitegerezwa gushirwa imbere kugira iyo ntsinzi iboneke.
BBC Gahuzamirango irabashikiriza ibikuru bikuru vy'uru rukino kuri facebook.