Amahirwe ya Arsenal y’ugusubira muri zine za mbere ageze ahamanuka aho itsindiwe na Leicester

Youri Tielemans

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Youri Tielemans yatsinze igitsindo ca mbere ca Leciester ku munota wa 59

Umurwi wa Leicester City waraye ushize muri kabaza amahirwe ya Arsenal yari yizeye y'uko ishobora gusubira mu mirwi ine ya mbere (Big4) mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza.

Youri Tielemans na Jamie Vardie batsinze ibitsindo bitatu vya Leicester ku kibuga cayo, King Power Stadium, mu rukino yari yifatiye mu minwe.

Arsenal yagiye kugira ibibazo inyuma y'aho umukinyi Maitland-Niles aherewe ikarata itukura kw'ikosa yakoreye umukinyi James Maddison wa Leicester ku munota wa 36, ivyatumye Arsenal imara hafi isaha ikina ifise abantu 10.

Rwabaye urukino rugira gatatu Arsenal yikurikiranije itsindwa, ivyashize mu madidane amahirwe yayo yo gusubira kuja mw'igihanwa ry'imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vya Bulaya (Uefa Champon's League).

Unai Emery, umumenyereza w'uwo murwi, avuga ko iyo karata itukura yahawe umukinyi wiwe ariyo yatumye vyose bisubira iwandabaga.

Yavuze ati: "Uno munsi vyose vyatumwe n'irya karata itukura. Twarakoze, turitegurira neza urwo rukino kandi rwariko rugenda nk'uko twari twaruteguye".

"Kuri jewe, ikarata itukura yatumye urukino rufata iyindi ntumbero, bitandukanye n'uko twari twabiteguye. Gukina mudakwiye biragoye".

Mu gihe amahirwe yo kwinjira muri Champions League asigaye ku kiyiko, Emery ashize amahirwe yose ku gikombe c'ihiganwa rya Europa League rihuza imirwi itaronse amahirwe y'ukwinjira muri Champion's League.

Jamie Vardy

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jamie Vardy yatsinze ibitsindo bibiri vya Leicester ku munota wa 86 be no ku munota wa 95

Avuga ati: "Tuzobandanya tutaravye ikibanza turimwo ubu, igikombe ca Europa League naco kirakomeye mu gihe twogitsindira".

Ku munsi wa kane w'iyi ndwi igenekerezo rya 02 z'ukwezi kwa gatanu, Arsenal izokwakira umurwi Valence wo mu gihugu ca Espanye mu gice ca kabiri gishira ica nyuma muri iryo higanwa rya Europa League.

Kugira ngo Arsenal ishobore kuronka amahirwe y'ugusubira muri zine za mbere mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, n'uko mu gihe hasigaye inkino zibiri ngo rirangire itsinda nikino zose, Chelsea nayo iyisumvya amanota abiri ivyifatamwo nabi ntishobora kuzitsinda zose, canke Tottenham iyisumvya amanota ane yose itsindwa izo nkino zibiri zose.

Ku rundi ruhande, ibintu birakomeye hagati y'imirwi ya Liverpool na Manchester City irwanira ikibanza ca mbere, biboneka ko Manchester City itarota irekura.

Mu gihe Man City irusha Liverpool amanota abiri, ari nka hamwe yonyerera na gatoya mu nkino zibiri isigaje gukina na Leicester hamwe na Brighton & Hove Albion, nta cobuza ko Liverpool itwara igikombe c'iryo higanwa iheruka mu mwaka wa 1989-1990 itsinze Newcastle na Wolverhampton .