Liverpool yasubiye mu kibanza ca mbere itsinze Fulham mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umurwi wa Liverpool wasubiye mu kibanza ca mbere inyuma y'aho utsindiye umurwi wa Fulham mu rukino rw'ejo ku wa Mungu rwahuje iyo mirwi ibiri.
N'aho umukinyi Sadio Mane yinjije igitsindo ca mbere hakiri kare ku munota wa 11, Liverpool ntiyorohewe na gato kuko umurwi Fulham wagumye werekana ko wipfuza intsinzi muri urwo rukino, na rirya wari ku kibuga cawo.
Mbere ku munota wa 74, Fulham yarinjije igitsindo c'ukunganya bivuye ku kutumvikana kwabaye hagati y'umunyezamu Alisson Becker n'umukinyi w'inyuma Virgil van Dijk, bivuye ku mupira wari usubijwe inyuma na James Milner, vyatumye Ryan Babel wa Fulham aronka akaryo ko gutsida ico gitsindo co kunganya.
Umumenyereza wa Liverpool, Jurgen Klopp, yabwiye BBC Sport ko ivyashikiye umurwi wiwe ari ibintu biba mu gihe ugifise igitsindo kimwe wananiwe n'ukuronka ica kabiri uwo muhanganye afise ubusa.
Avuga ati: "Twatanguye neza, dukora vyinshi vyiza, ariko turadegura gato".
Ibintu vyagiye gusubira mu buryo kuri Liverpool ku munota wa 81, aho James Milner yinjirije igitsindo ca kabiri ku mupira wo ku metero 11 (penalty), bivuye kw'ikosa umunyezamu wa Fulham Sergio Rico yakoreye Mane muri ca kibanza c'imetero 11 (surface de reparation).
Iyo ntsinzi yatumye Liverpool ifata ikibanza ca mbere muri iryo higanwa, ikaba iri imbere y'umurwi wa Mancehster City, ku manota abiri. Ariko amahirwe ya Man City n'uko ifise urukino itarakina. Mu gihe yorutsinda, yoca igaruka mu kibanza ca mbere.
Urugamba rero ruracakomeye hagati y'iyo mirwi ibiri iriko irahiganirwa bikomeye ikibanza ca mbere, ni mu gihe hasigaye inkino indwi gusa kugira iryo hiranwa rya 2017-2018 rirangire mu kwezi kwa gatanu.
Ku rundi ruhande, umurwi wa Chelsea waratakaje amahirwe y'ugufata ikibanza ca gatatu kubera utavyifashemwo neza mu nkino zawo zibiri ziheruka.
Mu rukino rwabaye ku wa10 z'uku kwezi kwa gatatu ku kibuga cawo, wanganije na Wolverhampton Wanderers igitsindo kimwe ku kindi, naho nyene mu minota ya nyuma, iba itakaje amanota abiri. Mu rukino rw'ejo ku wa Mungu naho, uwo murwi ukaba watsinzwe ibitsindo bibiri ku busa n'umurwi wa Everton wavyifashemwo neza ku kibuga cawo.
Ariko n'aho biri uko, urugamba ruracakomeye cane hagati y'imirwi ya Arsenal, Manchester United, Tottenham na Chelsea mu kibanza ca gatatu n'ica kane, bigaragara ko ibiri muri iyo ine izotakaza ivyo bibanza.
Kuba mu bibanza bine vya mbere, bitanga uburenganzira bwo kuja mw'ihiganwa ry'imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo, UEFA Champion's League. Mu gihe iyo mirwi yose isigaje inkino umunani mw'iryo higanwa ryo mu Bwongereza, umurwi uzonyerera mu nkino usigaje, uzoba uriko utakaza ayo mahirwe.
Imirwi ya Arsenal, Manchester United, Tottenham ntiyakinye muri iryo higanwa mu mikino yari itegekanijwe mu mpera z'indwi iheze kubera ihiganwa ry'igikombe c'Ubwongereza (Emirates FA Cup) zari zitegekanijwe.










