Agashimwe ka Caf: Aubameyang, Mane na Salah ni bo bahiganwa

Umunya Misri Mohamed Salah mu nzira yo gusubira gutwara agashimwe ku mukinyi mwiza wa mbere w'umwaka inyuma yo gushirwa ku rutonde rw'abakinyi batatu harimwo uwo bakinana muri Liverpool Sadio Mane hamwe n'umukinyi wa Arsenal Pierre-Emerick Aubameyang.

Salah, yatowe nk'umukinyi mwiza wa BBC w'uyu mwaka ubugira kabiri mu kwezi kwa cumi na kabiri, yatsindiye agashimwe ka Caf mu mwaka uheze.

Abo bakinyi ni bo bari ku rutonde nyene Salah aba ari we atahukana intsinzi.

Ibirori vy'uyu mwaka bizobera i Dakar muri Senegal itariki 8 z'ukwezi kwa mbere.

Urutonde rw'abapfasoni na rwo nyene rwashizwe ahabona, aho abanye Nigeria Asisat Oshoala na Francisca Ordega hamwe n'umunye Afrika y'epfo Thembi Kgatlana ari bo bariko barahiganirwa ako gashimwe.

Kgatlana ni we mu kinyi azimvye cane n'uwinjije ibitego vyinshi mu gikombe c'Afrika mu gihe umugwi wa Banyana Banyana watsinzwe na Nigeria ku mapenalite mu rukino rwa nyuma.

Abakinyi ba Afrika b'umwaka mu bagabo:

  • Pierre-Emerick Aubameyang (Gabon)
  • Sadio Mane (Senegal)
  • Mohamed Salah (Misri)

Abakinyi ba Afrika b'umwaka mu bagore:

  • Thembi Kgatlana (Afrika y'epfo)
  • Francisca Ordega (Nigeria)
  • Asisat Oshoala (Nigeria)