Abarongoye Arsenal bipfuza gukebura abakinyi ku nyifato

Idarapo rya Arsenal mu mfuruka y'ikibuga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Idarapo rya Arsenal mu mfuruka y'ikibuga

Abarongoye umugwi Arsenal bategekanya kuvugana n'abakinyi inyuma yaho huburiwe amasanamu yerekana bane muribo bakwega ubumara bwa "oxyde nitreux".

Ku mashusho ya CCTV yashitse mu minwe y'ikigo Sun, ubona Alexandre Lacazette, Matteo Guendouzi, Mesut Ozil na Pierre-Emerick Aubameyang bariko bakwega ubwo bumara.

Abo bakinyi bari mu munsi mukuru mu bunywero bwo mu gisagara ca Londres mu kwezi kwa Munani.

"Oxyde nitreux" ni umwuka uzwi ko utuma umuntu atwenga canke yumva umengo ageze mw'ijuru.

Umuvugizi wa Arsenal yabwiye BBC ko abakinyi baza kuvugishwa, bibutswe amabanga yabo.

"Oxyde nitreux" ituma ubwonko bukora buhoro buhoro hamwe n'umubiri, ivyo bigatuma abayikoresha bumva umengo bari mw'ijuru nk'uwafashe ibiyovyabwenge, bigashobora no gutuma umuntu ata ubwenge, akameneka umutwe, akamera nk'umusazi.

Igisata ca leta kijejwe ibiyovyabwenge kivuga ko mu gihe umuntu afashe ubwo bumara ku rugero runini, ko bishobora gutuma umubiri n'ubwonko bibura umwuka ukwiye wa "oxygène".

Mu gihe bitabujijwe gutunga ibiyovyabwenge, birabujijwe kubitanga canke kubigurisha.