Lacazette yafashije Arsenal kunganya na Liverpool igitego 1-1

Ahavuye isanamu, Getty Images
Arsenal na Liverpool bahuye mu rukino rukomeye banganijemwo igitego 1-1 ku musi ugira uwa 11 w'ihiganwa ryo mu Bwongereza, mu gihe Leicester yariko irakina urukino rwa mbere kuva umukuru wayo apfuye azize impanuka ya kajugujugu.
Ubu Liverpool imenyerezwa na Jurgen Klopp iri mu kibanza ca mbere vy'imfatakibanza n'amanota 27 ikaba irusha Manchester City inota rimwe gusa, Chelsea na yo amanota atatu, mugihe iyo migwi iza gukina uyu musi na Southampton hamwe na Crystal Palace.
Arsenal na Liverpool bakinye umupira uryoshe batandukana bagabanye amanota, aho uwo mugwi wakinye urukino rwa nyuma rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo ari wo watanguye gutsinda ku munota wa 61 ufashijwe na Milner.
Abakinyi b'i Londres barashoboye kukigombora bafashijwe na Lacazette ku munota wa 82, kikaba kibaye igitego ciwe ca gatanu muri uyu mwaka mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Ahavuye isanamu, AFP
Uwo mufaransa n'umugwi wiwe wa Arsenal nta ko batagize kugira batsinde. Lacazettes yahoze mu mugwi wa Lyon yakinye neza cane, ariko anatahukana ikarata y'umuhondo kubera inyifato yiwe yo kwigina igitego imbere y'umuhagarikizi.
Amanota Arsenal imyerezwa na Unai Emery n'ingene bakina bituma bashobora kuja mu migwi ine ya mbere yoja mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo.
Mu zindi nkino, Manchester United yaratsinze Bournemouth ibitego2-1 bigoranye cane.
Ivyo bitindo vya Martial na Rashford vyatumye uwo mugwi wari umaze imisi mu bibazo wegereza ibibanza bine vya mbere umumenyereza Jose Mourinho yipfuza kujamwo.










