Raheem Sterling yafashije Ubwongereza gutsinda Espagne ibitego 3-2

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubwongereza butsindiye muri Espagne ubwa mbere mu myaka 31 mu rukino rutazibagirwa rw'igikombe ca UEFA rwabereye i Seville kuri uyu wa mbere.
Abakinyi bamenyerezwa na Gareth Southgate bagiye kuruhuka bamaze gutsinda ibitego 3-0. Hari haheze imyaka itatu, inkino 27 Raheem Sterling adatsindiye igitego Ubwongereza, akaba yinjije n'igitego ca kabiri, kuri vyose akaba yahawe umupira na Marcus Rashford.
Abakinyi ba Espanye baremerewe cane n'abo Ubwongereza kuva umupira ugitangura, bashoboye kwihagararako mu gice ca kabiri, aho Paco Alcacer yatsinze igitego akoresheje umutwe.
Ubwongereza bwasumagijwe cane, na cane cane umunyegoli Jordan Pickford. Uwo mukinyi wa Everton yakinye neza cane akaba yanafashije kugira ibitego bibiri vya mbere biboneke ariko kandi yahatswe gutanga penalite igihe vyaboneka ko akubise hasi Rodrigo imbere y'igoli.
Espagne yagwanye gushika aho Sergio Ramos yinjiza igitego ca kabiri ca Espagne ku munota wa 97 - ariko Ubwongereza butahukana intsinzi bwakoreye, iya mbere kuva batsinze uwo mugwi ibitego 4-2 mu 2987.
Bubaye ubwa mbere Espagne itsindirwa iwabo mu mahiganwa mpuzamakungu mu myaka 15.






