Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho avuga ko abakinyi bamwe bitanga gusumba abandi
Umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho avuga ko bamwe mu bakinyi bitanga cane, inyuma y'aho uwo mugwi utsindiwe mu nkino uheruka gukina zitatu wikurikiranya.
Mu nkino zibiri ziheruka mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, United yanganije na Wolves ariko baratsindwa na West Ham.
Ubu bari mu kibanza ca 10 ku rutonde rw'imigwo yo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.
Barasezeye kandi ihiganwa ry'igikombe ca Carabao batsinzwe n'umugwi wa Derby.
Abajijwe nimba afise ubwoba ku kazi kiwe mu gihe uwo mugwi wobandanya gutsindwa, Mourinho yishuye :"Haba namba."
Mourinho ivyo yabivuze imbere y'uko United batana mu mitwe na Valencia uyu musi mu nkino zo mu matsinda ku migwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya.
Yavuze ati: "Umukinyi wese atandukanye n'uwundi, abakinyi ntibasa."
"Ndabona ibintu bitandukanye bakora, ariko ico ubuna wewe si co.
"Ndabona ko ntanezereza abantu, bamwe mu bantu batagaragara ni nk'uko baba bamaze gutsindwa mu rukino.
"Ivyo ndabibona neza, ariko mu nama nyinshi twagize mu myimenyerezo (kuva ku wa gatandatu) ibintu vyari bisanzwe, ishaka ryo kwongereza inguvu no gukina."
Mourinho yongeyeko ati:"Ico nshobora gukora kugira ibintu bigende neza ndagikora, kandi nzokora igishoboka cose kinyerekeye jewe n'akazi kanje."
Mourinho yaravuganye na Woodward?
Intsinzi ya 3-1 ya West Ham ku musi wa gatandatu bwari bubaye ubugira gatatu United itsindwa mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza mu nkino indwi bamaze gukina mu ntango ry'ihiganwa.
Ni ubwambere batanguye ihiganwa nabi cane kuva mu 1989-90.
Igihe Mourinho yabazwa nimba baravuganye nicegera c'uwurongoye Manchester United Ed Woodward kuva batsinzwe na West Ham, yavuze:"Iryo ni ibanga. Sindigera ndababaza mwebwe abo mwabonanye. Iryo ni ibanga."
Umukinyi wo hagati wa United Nemanja Matic yari muri urwo rukino batsinzwemwo na West Ham, umukino umukinyi w'inyuma Luke Shaw avuga ko wari uteye agahinda.
Matic yongeyeko ati:"Uriko urakina na Manchester United, buri muntu yitega ko aza gutsinda."
"Unaniwe gutsinda inkino zibiri wikurikiranya, abantu benshi baca baguhanga amaso - turabizi.
"Urwo rukino rwari rubi cane. Sinibaza ko hari umukinyi yinjira mu kibuga hanyuma ntagerageze gutsinda."
Yishura kuvyo Shaw yavuze, Mourinho yagize ati:"avuga 'twebwe turi abakinyi mu kibuga, ni ngombwa dukine neza, ni ngombwa twitange'.
"Ndishimira uko abibona ariko jewe sindavyemera. Ni twese, buri muntu ari muri uyu mugwi arafise ico ategerezwa guterera.
"Dutsinze dutsinda twese. Dutsinzwe, tuba twese dutsinzwe. Kandi dutsinzwe bidogera buri muntu wese."
Mourinho ashaka kwirukanwa?
Uwahoze ari umukinyi w'imbere wa Arsenal n'Ubwongereza Ian Wright avuga ko inkuru zikwiragizwa zerekeye Manchester United ziteye isoni.
Wright yabwiye BBC ko:" Ni nk'ibintu bishika buri musi. Mourinho kuvuga kuvyerekeye abakinyi bitanga gusumba abandi, ariko ntabavuga amazina - none ivyo ubivugira iki?
"Nkeka ashaka kuduhuma amaso kugira ntitubone ko ibi ari ibihe bitoroshe atari bwabemwo agerageza guhindura ibintu.
"Birateye isoni kuri Manchester United. Abarongoye uwo mugwi bariko barakora iki? Ibi bizobandanya gushika ryari?"
Uwahoze ari umukinyi w'imbere wa Norwich na Blackburn Chris Sutton yavuze ko hageze ko Mourinho akura meza.
Sutton avuga ati:"Ndakeka ko nawe nyene ashaka ko yirukanwa."
"N'umuntu w'amayeri."