Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
United igeze aho umwansi ashaka inyuma yo gutsindwa na West Ham
Umugwi Manchester United ugeze aho umwansi ashaka inyuma yaho utsindiwe vy'agashinyaguro na West Ham 3-1, buba bubaye ubwa mbere uwo mugwi utangura nabi ihiganwa mu myaka 29 irangiye.
Ku kibuga ca West Ham mu gisagara ca Londres, Manchester United yatsinzwe ubugira gatatu mu nkino indwi imaze gukina ihiganwa rya Premier League ritanguye.
Ufise amanota cumi, ukaba waheruka gutangura nabi ihiganwa gurtyo mu mwaka w'i 1989-90.
Kuno gutsindwa gushitse haheze indwi y'umwumvikano muke hagati ya José Mourinho na Paul Pogba, aheruka gukura ku bu kapitene bw'umugwi.
United yaheruka kandi gutsindwa n'umugwi Derby mu gikombe ca Ligue.
Manchester United yaheruka gushika mu bihe nka mwenibi kera, abakurikira ivy'umupira wo mu Bwongereza bagasanga uwo mugwi n'umumenyereza Mourinho amaze inkino zitatu zikurikirana adatsinda, bashitse aho umwansi ashaka.
United yimirije guhura na Valence inyuma y'iminsi itatu, mw'ihiganwa rya Champions League, ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo.
Bubaye ubwa kabiri aba Hammers batsinda United, inyuma y'incuro 20 bari bamaze bagerageza.
Ibitsindo vya West Ham vyinjijwe na Felipe Anderson (ku munota wa 5), Victor Lindelof (yinjije iwabo ku munota wa 40) na Marko Arnautovic (ku munota wa 74).
Igitsindo kimwe rudende ca United catsinzwe na Marcus Rashford ku munota wa 71.
West Ham yaciye iduga mu kibanza ca 12, mu gihe Man United iri mu c'umunani.