Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukinyi wo hagati wa United, Pogba asaba bagenziwe gusatira cane igihe bakinira iwabo
Umukinyi wo hagati wa Manchester United, Paul Pogba yavuze ko yipfuza ko umugwi wiwe "usatira, usatira, usatira" igihe ukiniye iwabo.
United yanganije 1-1 na Wolves ku kibuga Old Trafford ku munsi wa gatandatu, yaheruka gutsindwa 3-0 ku busa na Tottenham mu rukino rw'imuhira rwaheruka.
"Turi muhira, twategerezwa gukina neza kurusha duhura na Wolves. Dusabwa gusatira," niko Pogba yavuze.
"Igihe dukinye ukwo, biratworohera."
Manchester United yakinye na Wolves, yaheruka gutsinda yikurikiranya inkino zitatu yakiniye hanze, harimwo urukino rwa Champions League, ihura n'Ubuswisi.
Umugwi wa Wolves waronse inota Joao Moutinho yinjije, Pogba ataye umupira.
United yaciye ija mu kibanza c'indwi - amanota umunani inyuma y'umugwi wa mbere Liverpool - inyuma y'urukino umumenyereza Jose Mourinho avuga ko abakinyi biwe batari bafise ishaka rike, ubagereranije na bakeba babo.
"Nibaza ko imigwi igira ubwoba igihe ibonye Manchester United isatira, yongera isatira. Iryo niryo ryabaye ikosa kuri twebwe," niko Pogba w'imyaka 25 yavuze.
"Nibaza ko dukwiye guhinduka tugakina neza kurusha, kuko turi kuri Old Trafford twategerezwa gusatira nkuko twabikoze duhura na Tottenham, Liverpool, Chelsea na Arsenal mu mwaka uheze."
Pogba yinjiye mu mugwi United avuye muri Juventus ku mahera atari bwigere atangwa, amapawundi imiliyoni £89 mu 2016, afasha Ubufaransa gutwara igikombe c'isi co mu 2018 mu Burusiya, mu ci riheze.