Inkino nziza z'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya zo kuraba muri iyi ndwi

Indirimbo zihayagiza imigwi, abakinyi rurangiranwa bo kw'isi yose, inkino z'umupira w'amaguru zigiye kuba mu bikorwa vyawe muri iyi ndwi yose.

Ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere riratangura kuri uyu wa kabiri, inyuma y'imisi 115 ibitsindo bibiri vya Gareth Bale yatsindiye Real Madrid bikuyemwo Liverpool mu rukino rwa nyuma rwa 2017-2018.

Ritanguriye ku nkino zikomeye. Izi ni zimwe zizoba ziryoshe kuraba.

Abakinyi beza ba mbere bakina imbere kw'isi?

Liverpool v Paris St-Germain (Ku wa kabiri , 18 Ukwezi kw'icenda isaha 21:00 isaha yo mu Rwanda no mu Burundi)

Ibiri mu migwi y'umupira w'amaguru y'i Buraya ikina umupira neza - ishobora no gutwara igikombe - irahura, ifise abakinyi beza b'imbere mu mupira w'amaguru kw'isi.

Kuva abakinyi b'imbere ba Real Madrid "BBC" - Karim Benzema, Gareth Bale na Cristiano Ronaldo bavanye - aba Barcelone na bo 'MSN' - Lionel Messi, Luis Suarez na Neymar na bo bakavana, ntawoshoka yemeza umugwi ubu ufise abakinyi b'imbere bakomeye ba mbere kw'isi.

Neymar yavuye muri Barcelone aja muri PSG mu ci rya 2017 aciye umuhigo ku mahera aguzwe ashika ku miliyoni 200 y'amapawundi, asangayo Kylian Mbappe yari yagizwe imiliyoni 165.7 z'amapawundi hamwe n'umukinyi w'imbere amaze gutsindira ibitego vyinshi uwo mugwi, bakaba rero ari bo bafashanya mu gukina imbere.

Ariko rero na Liverpool ntiyoroshe n'abakinyi bayo Roberto Firmino, Sadio Mane na Mohamed Salah bose binjije umwe umwe ibitego cumi mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo mu mwaka uheze - abakinyi batatu kuri bane bamaze kwinjiza ibitego bibiri muri iryo higanwa.

Umumenyeshamakuru w'umufaransa Julien Laurens yabwiye BBC Euro Leagues podcast ati: "Ni yo migwi ibiri ifise abakinyi beza batatu b'imbere kw'isi muri kino gihe."

Iyo migwi ifise n'abamenyereza beza.

Izindi nkino zibereye ijisho ziboba muri iyi ndwi:

Inter Milan v Tottenham Hotspur (Ku wa kabiri, 18 Ukwezi kw'icenda isaha 18:55 mu Rwanda no mu Burundi )

Monaco v Atletico Madrid ((Ku wa kabiri, 18 Ukwezi kw'icenda isaha 21:00mu Rwanda no mu Burundi )

Valencia v Juventus (Ku wa gatatu, 19 Ukwezi kw'icenda isaha 21:00 isaha yo mu Rwanda no mu Burundi)

N'izihe zindi nkino zizoba?

Ku musi wa kabiri itariki 18. 09. 2018

Barcelone v PSV Eindhoven

Internazionale v Tottenham Hotspur

Club Brugge v Borussia Dortmund

Crvena Zvezda v Naples

FC Schalke04 v FC Porto

Galatasaray v Lokomotiv Moscow

Ku musi wa gatatu itariki 19.09.2018

Ajax v AEK Athens

Manchester United v Young Boys

Manchester City v Lyon

Shakhatar Donetsk v 1899 Hoffenheim

Benfica v FC Bayern Munich

Real Madrid v Roma

Viktoria Plzen v CSKA Moscou