Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Liverpool iri kw'isonga inyuma yo gutsinda Brighton
Umugwi Liverpool wo mw'ihiganwa Premier League ugeze kw'isonga inyuma yo gutsinda Brighton 1-0, umumenyereza Jurgen Klopp akavuga ko agifise akazi kenshi.
Mohamed Salah yinjije ibitsindo 32 mw'ihiganwa ryo mu mwaka uheze, niwe yinjije ico gitsindo kimwe rudende mu gice ca mbere i Anfield.
"Nta muntu yashobora gukekereza ko tutaronka amanota atatu kandi ico nico kintu gihambaye," niko Klopp yavuze.
Liverpool niwo mugwi wonyene muri Premier League utaratsindwa mu mikino itatu, ukaba imbere amanota abiri ku batwaye igikombe mu mwaka uheze Manchester City yanganije na Wolves kuwa gatandatu.
Klopp avuga ko yari yiteguriye urukino: "Nari nzi imbere yuko dukina ko hari akazi kenshi na mwebwe ubu mwavyiboneye."
Abakinyi ba Liverpool ntibahanahana nkuko bahora, ndetse ibintu bikaba vyari bikomeye imbere yuko Salah yinjiza.
Umugwi Brighton waheruka gutsinda Manchester United 3-2 mu rukino ruherutse ariko bikaba vyaranse ko ukina nkuko waheruka ku kibuga ca Anfield.
Umumenyereza wa Liverpool avuga ko isonga baduzeko ataco rivuze, gikuru ngo n'amanota bafise.
"Ivy'ikibanza ntaco bimbwira. Si ivyo kwishimira inyuma y'inkino zitatu. Amanota icenda niyo ahambaye, " niko Klopp avuga.
"Nari niteze vyinshi kuri barya bahungu ariko ndazi ko bizogenda bija imbere."