U Burundi bwaraye butsindiye kuja mu gikombe ca Afrika c'abatarenza imyaka 20 bukuyemwo Zambia ku bitego 3-0

U Burundi bwaronse uburenganzira bwo kuja mu gikombe ca Afrika c'abatarenza imyaka 20 mu gutsinda Zambia isanganywe ico gikombe ibitego 3-0 mu rukino rwo gusubiza.

Urwo rukino rwabereye ku kibuga c'umupira c'i Buye mu ntara ya Ngozi mu buraruko bw'u Burundi.

Ico gikombe kizokinirwa mu gihugu ca Niger mu 2019.

Mu rukino rwa mbere umugwi nserukiragihugu w'u Burundi, Intambara mu Rugamba, wari watsinzwe na Zambia igitego 1-0.

Uburundi bwaheruka kwitabira iryo higanwa mu 1995, aho igihugu ca Cameroun cabatsinze ibitego 4-0.

Uwurongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi, umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo, yahaye agashimwe umugwi w'Intamaba mu Rugamba w'abatarenza imyaka 20 k'imiliyoni 45 z'amarundi mu kubakeza kuri iyo ntsinzi.

Igihugu kimaze gutwara ico gikombe incuro nyinshi ni Nigeria, kimaze kugitwara incuro indwi zose.