Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Croatia 2-1 Ubwongereza: Abakunzi ba Croatia mu munezero wo gutsinda Ubwongereza, i Londres na bo bari mu mubabaro
Abakunzi ba Croatia biginye intsinzi gushika buce inyuma y'aho igihugu cabo gitsindiye Ubwongereza mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu gikombe c'isi mu Burusiya, bakaba bashitse mu gice ca nyuma ku ncuro ya mbere.
Croatia yatsinze ibitego 2-1 inyuma y'aho umwanya wategekanijwe w'urukino urangiriye banganya igitego 1-1.
Abakunzi b'umugwi wa Croatia baciye binjira mu kibuga kiri hagati ku mugwa mukuru w'ico gihugu ca Zagreb baririmba bashira n'ibendera y'ico gihugu hejuru. Bamwe baciye basimbira mu mazi ari mu nkengera y'ico kibuga.
Ingene ibitego vyinjiye
Kieran Trippier Ku munota wa 5 Croatia 0-1 Ubwongereza
Ivan Perisic ku munota wa 68 Croatia 1-1 Ubwongereza
Mario Mandzukic ku munota wa 109 Croatia 2-1 Ubwongereza
Croatia n'igihugu c'abantu imiliyoni zine kandi ni kimwe mu bihugu bifise abantu bake bimaze gushika mu gice ca nyuma c'igikombe c'isi.
Bazohura n'Ubufaransa ku kibuga ca Luzhniki mugisagara ca Moscou ku musi w'Imana mu rukino rwa nyuma isaha zibiri z'ijoro mu Rwanda no mu Burundi.
Mu gihe muri Croatia akamwemwe kari kose, abongereza bari mu gahinda n'umubabaro wuzuye amarira.
Uko vyari vyifashe mu Bwongereza:
Batanguranye icizere inyuma yo kwinjiza igitego mu minota ya mbere ariko mu nyuma baza gucika inkokora.
Mu kibanza ca Hyde Park, i Londres, abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza bashika 30.000 ni bo baje kuraba urwo rukino rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma, kandi mu Bwongereza abantu barakoranira hamwe mu kuraba inkino mu gisagara ca Londres kuva ku nkino za Euro 96.