Insiguro y'isanamu, Abakunzi ba Croatia bariko barigina intsinzi i Zagreb
Abakunzi ba Croatia biginye intsinzi gushika buce inyuma y'aho igihugu cabo gitsindiye Ubwongereza mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu gikombe c'isi mu Burusiya, bakaba bashitse mu gice ca nyuma ku ncuro ya mbere.
Abakunzi b'umugwi wa Croatia baciye binjira mu kibuga kiri hagati ku mugwa mukuru w'ico gihugu ca Zagreb baririmba bashira n'ibendera y'ico gihugu hejuru. Bamwe baciye basimbira mu mazi ari mu nkengera y'ico kibuga.
Mario Mandzukic ku munota wa 109 Croatia 2-1 Ubwongereza
Croatia n'igihugu c'abantu imiliyoni zine kandi ni kimwe mu bihugu bifise abantu bake bimaze gushika mu gice ca nyuma c'igikombe c'isi.
Bazohura n'Ubufaransa ku kibuga ca Luzhniki mugisagara ca Moscou ku musi w'Imana mu rukino rwa nyuma isaha zibiri z'ijoro mu Rwanda no mu Burundi.
Mu gihe muri Croatia akamwemwe kari kose, abongereza bari mu gahinda n'umubabaro wuzuye amarira.
Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Insiguro y'isanamu, Abakunzi ba Croatia bariko barigina intsinzi i Zagreb
Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Insiguro y'isanamu, Abakunzi ba Croatia baje ari benshi ku kibuga ca Zagreb
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Abakunzi ba Croatia bariko baratambira mu mazi mu kwigina intsinzi ku mugwa mukuru Zagreb.
Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Insiguro y'isanamu, Prezida wa Croatia Kolinda Grabar Kitarovic (i bubamfu) yahaye umuhsikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May umupira ico gihugu cambara mu gihe babonanira mu nama ya Otan i Bruxelles mu Bubiligi.
Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Insiguro y'isanamu, Umukinyi wo hagati wa Croatia Luka Modric (hagati) ari kumwe na Mario Mandzukic (i buryo) bariko biginza intsinzi ku kibuga ca Luzhiniki, i Moscou mu Burusiya
Insiguro y'isanamu, Uyu mukunzi wa Croatia yitwa Daniel yiginye intsinzi ariko aranywa inzoga yabwiye BBC ko "Iyi ntsinzi irahambaye cane" kuri ico gihugu gito
Uko vyari vyifashe mu Bwongereza:
Batanguranye icizere inyuma yo kwinjiza igitego mu minota ya mbere ariko mu nyuma baza gucika inkokora.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Icizere kiraheze: Abakunzi b'Ubwongereza bariko barahozanya mu kibanza ca Hyde Park mu gisagara ca Londres
Ahavuye isanamu, PA
Insiguro y'isanamu, Umwana muto yari ashigikiye umugwi w'Ubwongereza Castlefield Bowl, Manchester
Mu kibanza ca Hyde Park, i Londres, abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza bashika 30.000 ni bo baje kuraba urwo rukino rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma, kandi mu Bwongereza abantu barakoranira hamwe mu kuraba inkino mu gisagara ca Londres kuva ku nkino za Euro 96.
Insiguro y'isanamu, Abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza i Hyde Park imbere y'uko urukino rutangura
Ahavuye isanamu, EPA
Insiguro y'isanamu, Mu gihe c'umwanya w'inyongera i Hyde Park
Ahavuye isanamu, PA
Insiguro y'isanamu, Abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza bariko bariyuha iryosozi i Manchester
Insiguro y'isanamu, I Manchester mu munezero inyuma y'aho Ubwongereza butsindiye igitego ca mbere
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza mu marira i Brighton Beach
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Abakunzi b'umugwi w'Ubwongereza bambaye isura ya Harry i Brighton Beach
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Umukunzi w'Ubwongereza, Hyde Park
Ahavuye isanamu, PA
Insiguro y'isanamu, Ingene abakunzi b'Ubwongereza bari mu munezero mu ntango Nottingham Castle
Insiguro y'isanamu, Lily Harkin w'imyaka umunani yari yanditse mu mugongo wa Cole Bryceland, i Nottingham icizere "Igikombe kirataha muhira" ariko mu nyuma vyagaragaye ko Ubwongereza buzotahuka butazanye igikombe
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Imitima yari mu kirere i Millennium Square, Leeds