Croatia yirukanye umukinyi wayo w'imbere mu gikombe c'isi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi w'imbere wa Croatia Nikola Kalinic yirukanywe mu gikombe c'isi mu Burusiya inyuma yo kwanka kwinjira mu kibuga mu gihe bariko barahindura abakinyi aho ico gihugu catsinze Nigeria ibitego 2-0.
Ikibanza c'uwo mukinyi w'imyaka 30 nta wundi muntu azokijamwo, bisigura ko uwmugwi wa Croatia usigaranye abakinyi 22 gusa.
Kalinic, umukiny wa AC Milan yaranse gukina avuga ko yakomeretse mu mugongo inyuma yo kumenyesha ico kibazo nyene inyuma y'urukino rwa kivandimwe rwabahuje na Brezil.
Umumenyerea wa Croatia Zlatko Dalic yavuze:"Nshaka abakinyi banje babe bakomeye kandi biteguriye gukina."
Kalinic yigeze gukinira Blackburn Rovers hagati y'umwaka wa 2009 na 2011 amaze gutsinda ibitego 15.
"Mu gihe twariko turakina na Nigeria, Kalinic yaragize imyimenyerezo yo kwishusha kandi yategerezwa gukina igice ca kabiri," ni ko Dalic yavuze.
Ariko aca avuga ko yumva atokwinjira kuko ababara mu mugongo.
Croatia bazokina na Argentine ku musi wa kane hanyuma urukino rwa nyuma rwo mw'itsinda barimwo rya D rukazobahuza na Iceland ku musi wa kabiri
Abandi bakinyi bamaze kwirukanwa mu gikombe c'isi rugikubita
Willie Johnston (Ecosse)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwo mukinyi yakinira West Brom yirukanywe mu gikombe c'isi co mu 1978 muri Argentine n'umugwi wa Ecosse inyuma yo gusanga yanyoye imiti imwongerereza inguvu.
Roy Keane (Irlande)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Gukura meza hakiri kare k'umukinyi wo hagati wa Manchester United aho abakinyi ba Irlansde bagirira imyimenyerezo ni kimwe mu bintu vyibukwa cane mu gikombe c'isi co mu 2002.
Ntiyari yanezerejwe n'ingene igihugu ciwe ca Irlande citeguriye izo nkino, bikaba vyatumye haba ukwishurana nabi n'umumenyereza Mick McCarthy imbere y'abandi bakinyi.
N'aho yari yiteguriye gukina urukino rwo kugurura na Cameroun, Keane yaciye aguma yitemerera mu micungararo ya Cheshire ari kumwe n'imbwa yiwe.
Diego Maradona (Argentine)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwo mukinyi rurangiranwa wa Argentine yirukanywe mu gikombe c'isi ca 1994 cabereye muri Amerika imbere y'uko haba urukino rwa nyuma rwo mw'itsinda barimwo rwabahuza na Bulgaria.
Imbere y'aho yari yagiye mu bikombe vy'isi vyo mu 1986 hamwe na 1990 aho batsinzwe n'Ubudagi.
Maradona ari mu batsinze igihe binniza ibitego 4-0 imbere y'uko basanga yanyoye imiti yongereza inguvu aca ahagarikwa.
Nicolas Anelka (Ubufaransa)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwo mukinyi w'imbere w'Ubufaransa yavuye mu mugwi w'Ubufaransa mu gihugu ca Afrika y'epfo inyuma yo kutumvikana n'umumenyereza.
Uwo mukinyi w'imbere ico gihe yari mu mugwi wa Chelsea yaratutse umumenyereza mu gihe c'akaruhuko mu rukino rwari rwabahuje na Mexique mu gikombe c'isi ca 2010 aho batsinzwe ibitego 2-0.
Yararahiye ararengwa gusaba imbabazi n'aho abandi bakinyi bagenzi we bari banebaguye iyo nyifato, aca ategekwa gutahuka n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bufaransa no kuzosubira gukina inyuma y'inkino 18.
Zlatko Zahovic (Slovenia)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Roy Keane si we wenyene yavuye mu gikombe c'isi co mu 2002, hari n'umukinyi wa Slovenia yamukurikiye.
Umukinyi wo hagati Zlatko Zahovic wo mu mugwi wa Benfica yacanyemwo n'umumenyereza Srecko Katanec inyuma yo kumukura mu kibuga mu rukino batsinzwemwo na Espagne 3-1, aho ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ry'ico gihugu ryafashe ingingo yo kumwirukana hakiri kare.










