Tuniziya yatanguje guhiganirwa kwakira igikombe c'isi 2030

Isanamu y'igikimbe c'isi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igikombe c'isi 2026 kizoba ari ica mbere kibereye mu bihugu bitatu, aho Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Mexike na Kanada, bizokwakira iryo higanwa.

Igihugu ca Tuniziya giheruka gutanguza isekeza ryo guhiganirwa kwakira inkino z'igikombe c'isi 2030, gifatanije na Algeria na Maroke

Umushikiranganji wa Algeria ajejwe inkino mu ntango z'ino ndwi yavuze ko bagiye kwihweza nimba ukwo guhiganwa gushoboka.

Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Tuniziya, Wadie Jary, yagize ati "Ntawuratubwira ko avyifuza ariko iciyumviro ico ari co cose tugiteze yombi, kandi turashaka ko biba."

Abajejwe intwaro muri Maroke, bamaze kwerekana ko bashaka kwakira iryo higanwa, ntibaragira ico bavuga kuri ico ciyumviro.

Mu kwezi guheze Maroke yarushijwe n'inyabutatu y'ibihugu vyo mu buraruko bwa Amerika, mw'ihiganwa ryo kwakira igikombe c'isi 2026, ubwo nyene ica ivuga ko ishaka gusubira kugerageza.

Bwoba bubaye ubugira gatandatu Maroke igerageje, mu gihe imaze kunanirwa inshuro zitanu zose.

Umushikiranganji wa Algeria ajejwe inkino, Mohamed Hattab, yabwiye abamenyeshamakuru ati "Maroke izokwihweza ingene vyoshoboka ko ibihugu vyo mu karere ka Magreb vyosaba kwakira inkino z'igikombe c'isi.

"Iyo turavye imiji yacu, inkino, umuco hamwe n'inyubako dufise, turizeye neza ko twokwakira ihiganwa rikomeye ku rwego rw'isi.

Imyaka 100 y'igikombe c'isi...

Arjantine, Uruguay na Paraguay mu mwaka uheze vyatanguje isekeza ry'ibihugu bitatu vyo muri Amerika y'ubumanuko ryo kwakira inkino zo mu 2030.

Bishaka ko vyohurirana n'imyaka ijana izoba ikwiye, kuva aho igikombe c'isi cakinirwa ubwa mbere muri Uruguay mu 1930.

Maroke na Tuniziya vyarakinye mu gikombe c'isi mu Burusiya ariko vyakuwemwo mu muce wa mbere, mu gihe Algeria yashitse mu muce wa kabiri muri Brezile haciye imaya ine.

Itora rya Fifa ryo guhitamwo ahazobera igikombe c'isi 2030 ntiryitezwe imbere y'umwaka w'2022, aho inkino z'igikombe c'isi zizoba zibera i Qatar.