Ibintu indwi vyakunzwe cane kuva mu ndwi ya mbere y'igikombe c'isi
Mbega indwi ya mbere y'igikombe c'isi mu Burusiya!!!
Ugutsindwa bibabaje, abatsinda bigoranye, utibagiye n'akazi Christiano Ronaldo ariko arakora.
Harabaye ibintu vyinshi binezereza ku kibuga, ariko hari ibintu indwi vyakunzwe cane uretse inkino nyezina...
1. Imishatsi
Inkuru zivuga ko ibiyeri biriko brahera mu bubiko i Moscou, ariko ni nde ariko araraba aho amavuta bapuriza mu mishatse i Buraya isigaye?
Nta nkeka ko ba kimyozi bose bazogira ikibazo c'urwaruka rwinshi, umwe wese ashaka ko bamucapira izina ry'uyu mukiny canke uriya.
Imigwi yose yagiye mu gikombe c'isi irafise uko yagiye irimwesha, ariko benshi mu mugwi wa Iran bashimye kwimwesha ku ruhande.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imishatsi ya Neymar yaciye itangura kwiganwa:

Ahavuye isanamu, Instagram/Lowcostcosplay
Mbere n'uwahoze ari umukinyi rurangiranwa wa Manchester United Eric Cantona yakurikiye abandimu kwigana uwo munye Breil...

Ahavuye isanamu, EricCantona
2. VAR (Video)
Abantu bakuze bamapye impuzu z'abasifuzi kandi batanegereye ku kibuga

Ahavuye isanamu, Twitter
Ariko abahagarikizi bakoresha video baragize akazi kenshi muri izi nkino.
Nyinshi mu ngingo bagizemwo uruhara zarashimwe cane - atari cane mu gihe woba ari umwongereza canek Brezil.
3. Inyifato mu bamenyereza mu gikombe c'isi
Umumenyereza wa Senegal Aliou Cisse yabaye umuntu w'icitegererezo mu rukino rwabahuje na Pologne ku musi wa mbere.
Ku gitsindo cateye impari ca M'Baye Niang, yapfunditse igipfunsi gusa, ariko aravye kuri video yabibonye ukundi.
Kuva aho, uko yifashe yagiye anabikora mu bindi bihe.

Ahavuye isanamu, Twitter
Si we mumenyereza wenyene wo mu gikombe c'isi amaze gufatwa gutyo.
Uwahoze amenyereza Cambridge United Herve Renard, ubu amenyereza Maroc, na we yaravuzwe cane ku mbuga ngurukanabumenyi cane kubera ishati yiwe yera hamwe n'ukuntu yambara ' J'aime Lannister-esque'.

Ahavuye isanamu, Twitter

Ahavuye isanamu, Twitter
4. Vicki Sparks, Alex Scott hamwe n'abandi bapfasoni bazanye na bo ivyabo mu gikombe c'isi co mu 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyeshamakuru wa BBC vICKI Sparks yandikishije amateka ku musi wa gatatu mu kuba umupfasoni wa mbere atangaje umupira mu gikombe c'isi c'abagabo ku mboneshakure y'abongereza.
Yakurikiwe na Martin Keown mu rukino Portugal yatsinzemwo Maroc 1-0, aho uwo mugwi wo muri Afrika waciye usezera ihiganwa.
Abahoze ari abakinyi b'Ubwongereza Alex Scott na Eni Aluko na bo bandikishije amateka nk'abapfasoni ba mbere bavugiye ku mboneshakure y'ubwongereza.
Ibi biravyerekana neza:

Ahavuye isanamu, Twitter
5.Abafana bariko barasukura ibibuga
Umufana w'umuyapani yatanze akarorero, hakurikira abanye Colombia, abakunzi ba Senegal na Uruguay baza bakurikira mu mugwi wa nyuma.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inyifato y'abafana b'Ubuyapani iriko irakwiragira no ku bindi bihugu, ico dushobora kuvuga gusa, n'uko ari vyiza kuri bo.
Nta kintu ciza gisumba kubona inyifato nziza y'abarorerezi bafise umufuko wuzuzuye imicafu.
6. Abakinyi b'Ubwongereza batari ku kibuga

Ahavuye isanamu, INSTAGRAM
Nk'incuro zitatu, abakinyi b'Ubwongereza barabonetse bakina Uno, bakina basketball banoga mu kibanza bategekanirijwe ca Repino.
Ikintu kibaryohera kandi barekuriwe n'uko bashobora guhererekana ivyo barimwo ku mbuga ngurukanabumenyi.
Abamenyereza ba mbere barabacunga cane bakanagenzura ivyo bariko barakora mu mwanya batariko barakina.
Umwanya yo kwinezereza woba woba ufasha mu gukina neza? Reka turindire turabe...
7. Aho abafana barabira umupira
Ku nkengera z'ikiyaga, mu kibanza ca Brighton, mu nyubakwa ya Roman hasanzwe habera ibirori hamwe no mu bibanza bizwi cane vyo mu gisagara - bimwe mu bibanza abafana bo kw'isi yose barabiye imigwi yabo iyiko irakina.
Hashizweko imboneshakure nini cane haca habera imisi mikuru itandukanye kubera inkino z'igikombe c'isi zahuje abantu batandukanye. Izi ni zimwe mu mafoto meza yarungitswe n'abafana bariko bararaba umupira mu ndwi iheze.










