Chelsea yatahukanye igikombe ca FA itsinze Manchester United 1-0

Ahavuye isanamu, Reuters
Penalite ya Eden Hazard yo mu gice ca mbere yatumye Chelsea itahukana igikombe ca FA ku kibuga ca Wembley, yatumye Jose Mourinho n'umugwi wiwe wa Manchester United barangiza umwaka ata gikombe na kimwe batsindiye.
Yateye iyo penalite yitonze arayinjiza muri urwo rukino rwa nyuma rw'igikombe ca FA rutari rworoshe.
Manchester United yatanguye urukino umukinyi wayo Romelu Lukaku ari basubirira abandi, yivyikiranije irakina urukino rwiza mu gice ca kabiri.
Alexis Sanchez yinjije igitego cahakanywe n'umuhagarikizi Michael Olivier, arinze gukoresha ubuhinga bwa video kugira yemeze ko yari yaraririye, umunyegoli wa Chelsea na we akaba yabiciye biracika mu gukuramwo imipira myinshi, hanyuma Paul Pogba na we yahushije gutsinda akoresheje umutwe.

Ahavuye isanamu, Reuters
Uru rushobora kuba rwabaye urukino rwa nyuma rwa Antonio Conte mu mugwi wa Chelsea, mu gihe rero yova muri uwo mugwi, yoba agiye atsindiye igikombe ca FA kije gikurikira ico umugwi wabaye uwa mbere mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza mu mwaka uheze.










