Chelsea ivuga ko yiteguriye bikwiye Man Utd muri "finale" ya FA

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Chelsea Antonio Conte yavuze ko yiteguriye umusatirizi uwariwe wese Manchester United azokinisha, mu gihe bikinugwanugwa ko Romelu Lukaku ashobora kuba atarakira neza.
Avuga ko akina canke adakina ataco bizohindura ku kuntu Chelsea yiteguriye urukino, niko umumenyereza Antonio Conte yavuze.
"Turiko turavuga ku bijanye n'umukinyi akomeye ariko Manchester United ifise benshi," niko Conte yavuze.
"Sinzi ingingo bazofata ejo. Ariko ico nzi nuko igihe Lukaku atokina, hari abakinyi benshi bashobora gukina.
"Ntuhindura ivyo wateguye canke ngo utegure urukino kubera umukinyi umwe. Igihe Lukaku atokina bisigura ko bafise uwundi musatirizi akomeye. Nk'akarorero (Marcus) Rashford ashobora gukina."
'Tuzokinisha ubuhinga'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Antonio Conte yoba yumvirije Jose Mourinho imbere yo gutanga ikiganiro?
Atawiriwe ararondera ko yamwumvirije canke atamwumvirije, ubona bose baganira kumwe kandi basigura kumwe ukuntu urukino ruzogenda.
Conte agira ati: "Tuzokinisha ubuhinga ariko igihambaye ni gutsinda."










