Arteta aravugwa mu bomenyereza Arsenal

Ahavuye isanamu, Getty Images
Icegera c'umumenyereza wa Manchester City Mikel Arteta ari mu bavugwa ko bashobora gutogwamwo umumenyereza mushasha wa Arsenal.
Uwo mugabo aturuka mu gihugu ca Espagne, yakiniye umugwi w'aba Gunners incuro 150 imbere yuko aja mu vy'ubumenyereza mu 2016.
Nta masezerano arafundikwa n'umuntu numwe, kandi umugwi usa naho utaragera kugena umumenyereza mushasha.
Ariko urazi ko ushobora kuba waronse uwo ugena imbere y'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose, rizotangura itariki 14 z'ukwezi kwa Gatandatu.

Umumenyereza Arsene Wenger yaramaze imyaka 22 muri uwo mugwi, vyitezwe ko akinisha urukino rwa nyuma ku munsi wa Mungu bahura na Huddersfield.
Uwigeze kumenyereza Barcelone Luis Enrique aravugwa mu bohabwa ako kazi, co kimwe n'umumenyereza wa Juventus Massimiliano Allegri.






