Man City yatahukanye igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza inyuma y'intsinzi ya West Brom kuri Man Utd

Raheem Sterling

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igitego ca 17 ca Manchester United co mu bindi bitego yinjije mw'ihiganwa ry'uyu mwaka ciniye hasigaye iminota 10 ngo urukino ruranigire

Man City yatahukanye igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza inyuma y'aho abakeba babo Man Utd batsindiwe na West Brom 1-0.

Manchester United iri mu kibanza ca kabiri ubu iri inyuma ya Manchester City imenyereza Pep Guardiola amanota 16 yose mu gihe hasigaye inkino zitanu zose.

N'intsinzi ya gatatu ya City mu myaka indwi, n'iya gatanu ikomeye y'uwo mugwi- hamwe n'iya mbere bamenyerezwa na Pep Guardiola mu myaka ibiri ahamaze.

Bararushije iyindi migwi yose mu gushaka gutwara ico gikombe, aho batsinze ibitego 93 batsindwa incuro 2 gusa.

Ico gikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza kigira ica 24 c'uwo mumenyereza yahoze muri Barcelone na Bayern Munich.

Uwo mugabo w'imyaka 47 yaratsndiye ibikombe nk'ivyo muri Espagne no mu Budagi, hamwe n'ibikombe bibiri vy'imigwi yabaye iya mbere iwabo amenyereza Barcelone.

Pep Guardiola

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Guardiola arashimagizwa cane ku kungene abakinyi biwe batemebereza umupira imbere bagiye kwinjiza

Kuva Sheikh Mansour bin Zayed Al Nahyan aguze uwo mugwi wa City mu 2008, City imaze gutwara ibikombe indwi, ushizemwo ica FA, ica League hamwe na FA community Shield.