Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mane yafashije Liverpool gushika mu gice ca kane ca Champions League
Ibitsindo bitatu umukinyi w'imbere Sadio Mane yinjije, vyatumye umugwi wa Liverpool ushika mu gice ca kane ca Champions League inyuma yo gutsinda vy'agashinyaguro umugwi wa Porto 5-0 ku munsi wa gatatu.
Mane yinjije igitsindo ca mbere, umunyezamu ananiwe guhagarika ishuti atumbereje iyo atari ku munota wa 25. Ibindi bitsindo bibiri vya Mane vyinjiye ku minota ya 53 na 85.
Ibindi bitsindo bibiri vya Liverpool vyinjijwe na Mohamed Salah ku munota wa 29 na Roberto Firmino ku munaota wa 69.
Urukino rwa kabiri ruzokinigwa ku kibuga ca Anfield itariki 6 z'Ukwezi kwa gatatu, Porto ikaba itazorohegwa kugaruza ibitsindo yinjijwe.
Umugwi wa Liverpool usa naho wamaze kuronka itike yo kuja mu gice ca kane, na burya ibitsindo winjije ku munsi wa gatatu ari ivyo hanze, ioyo ntambwe ikaba yashitsweko ku bwa Sadio Mane.