Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Liverpool yatangaje Man City mu kuyitsinda 4-3
Umugwi wa Manchester City uza kw'isonga mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, ukaba utari bwatsindwe na rimwe kuva ihiganwa ritanguye, kuri uyu w'Imana watsinzwe na Liverpool ibitego 4-3.
City ishobora kuba ibabajwe no kuba yahaye akaryo Liverpool ko kuyitsinda.
Ivyo Liverpool yerekanye ni vyo bishobora gushikira City mu gihe itifashe neza, ihanganye n'umugwi utabaha agahengwe.
Alexander Oxlade-Chamberlain ni we yinjije igitego ca mbere ca Liverpool ku munota w'icenda.
ManLeroy Sané ni we yinjije igitego co kunganya ca Man City.
Liverpool yinjije ibitego 3 mu minota icenda.
Gushika ku munota wa 84, Liverpool yari ifise ibitego 4 kuri 2 ba City.
Manchester City yinjije igitego kigira gatatu mu mwanya w'inyongera, mbere ikaba yanahushije igitego co kunganya imbere y'uko urukino rurangira.