Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tour du Rwanda: Gusiganwa ku makinga kwo mu 2017 kwaratanguye
Ku munsi wa Mungu, niho ihiganwa mpuzamakungu ry'icenda "Tour du Rwanda" ryatangura, umwe mu baserukiye igihugu c'u Rwanda, Jean Bosco Nsengimana akaba ariwe abanyagihugu bashizeko icizere mu kuba yaryegukanye mu 2015.
Kur'uwo munsi abahiganwa barakoze ihiganwa ry'intangamarara ry'ibirometero 3.5, uwo Jean Bosco Nsengimana aba ariwe atsinda ku minota 3, amasegonda 46 na tiyereses 06, nkuko ikinyamakuru New Times c'u Rwanda kivuga.
Imigwi iserukira u Rwanda ni "Team Rwanda", "Benediction Club" y'i Rubavu hamwe na "Amis Sportifs" y'i Rwamagana.
Uretse iyo migwi yo mu gihugu hagati, hari n'iyindi yaje iva hanze, nk'abo mun gihugu ca Eritréa, abo muri Slovaquie hamwe n'abo muri Algeria.
Iyo misore isiganwa ku makinga itegekanya muri rino higanwa rya 2017 itegerezwa kwiruka ibirometero 819, bakazoshika mu ntara zose zine z'igihugu hamwe no mu mugwa mukuru Kigali.