Fifa isabwa kwitaho impanuka zoshikira abakozi mu Burusiya n' i Qatar

Ikibuga c'umupira "Khalifa International Stadium" i Doha muri Qatar, nico cuzuye ubwa mbere mu bizokwakira inkino z'igikombe c'isi yose mu 2022

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ikibuga c'umupira "Khalifa International Stadium" i Doha muri Qatar, nico cuzuye ubwa mbere mu bizokwakira inkino z'igikombe c'isi yose mu 2022

Fifa yasabwe kugira akigoro mu kwitaho impanuka zoshikira abakozi bubaka ibibuga vy'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu Burusiya na Qatar.

Ni imwe mu ngingo 33 z'ivyasabwe biri mu cegeranyo ca mbere c'umugwi mpanuzwajambo ku vy'agateka ka zina muntu.

Uwo mugwi urimwo abaserukira Onu, amashirahamwe y'abakozi n'abatanga uburyo, washinzwe ngo utange impanuro ku bijanye n'amabanga ya Fifa.

"Icegeranyo cacu ca mbere ni umushinge," niko uwo mugwi mpanuzwajambo wavuze.

"Turazi ko Fifa imaze gukora intambwe zikomeye, nko mu kwemeza ibijanye n'agateka ka zina muntu, kugwanya ikumira igihe c'inkino hamwe no kwinjiza ibisabwa ku bijanye n'agateka ka zina muntu mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose ryo mu 2026.

"Hari n'ingingo 33 z'ivyo twahanuye Fifa yokwitaho kurusha, birimwo mu vyihuta, kwubakira ku vyakozwe gushika ubu mu kubandanya gukora utwigoro ngw'impanuka z'abakozi zitabweho mu bibanza vyubakwamwo ibibuga vy'umupira w'amaguru vy'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu Burusiya na Qatar.

"Twashize ahabona umwitwarariko dusaba Fifa ngwimenye ingene ishobora kuvyifatamwo mu kumenya no guhangana n'impanuka zikomeye zokwibasira zina muntu."