Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburusiya bwaburijemwo ingingo ya Onu
Uburusiya bwakoresheje veto bituma ingingo y'akanama kajejwe umutekano ka Onu yo kwongera ikiringo abakora itohoza ku bumara bwakoreshejwe muri Siriya idafatwa.
Bubaye ubw'icenda Uburusiya bukoresha veto bukingira Siriya.
Abakozi ba Onu bakora itohoza kw'ibuza ry'ikoresha ry'ibigwanisho vy'ubumara, barungitswe ubwa mbere muri Siriya mu 2013 gusambura ibigwanisho vy'ubumara vya Prezida Assad.
Umugwi wa kabiri wasubiyeyo inyuma y'imyaka ibiri, ugumayo gushika mu 2016.
Ubutegetsi bwa Moscou bwabujije kw'ikiringo cabo congerezwa.
Mu kwezi guheze abakozi ba Onu bakora itohoza inyuma y'isuzuma bakoze, barerekanye kw'igisirikare co mu kirere ca Siriya cagavye igitero mu kwezi kwa kane, gikoreshejemwo ubumara bwa Sarin, mu gisagara ca Khan Sheikhoun.
Siriya irahakana gukoresha ibigwanisho vy'ubumara.