Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Usain Bolt yatsinze isiganwa rya Monaco Diamond League
Umunyajamaica Usain Bolt yatsinze mu kwiruka metero 100 mu isiganwa rya Monaco Diamond League, akoresheje igihe kingana n'amasengo 9.95.
Bwabaye ubwa mbere uyu mwaka Usain Bolt abashije kwiruka metero 100 akoresheje amasegonda atageze ku icumi.
Yasize Umunyamerika Isiah Young wakoresheje amasegonda 9.98, ndetse n'Umunyafurika y'epfo Akani Simbine wakoresheje amasegonda 10.02.
Bwana Bolt w'imyaka 30 y'amavuko, amaze gutsindira irushanwa rya Olympic mu gusiganwa ku maguru inshuro umunani.