Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Francine Niyonsaba mu mateka ya Olempike ku Burundi
Umunonotsi w'Umurundikazi, Francine Niyonsaba, asiganwa imetero 800 yaraye ahesheje u Burundi umudari Olempike ugira kabiri mu mateka y'ico gihugu.
Francine Niyonsaba yaraye aronse umudari w'umwakaka abaye uwa kabiri mu nkino Olempike zibera i Rio de Janeiro mu gihugu ca Brezil.
Yirutse imetero amajana umunani mu munota 1 imisegonda 56 n'ibice 49, aza inyuma y'umunye Afrika y'epfo, Caster Semenya yatahukanye umudari w'inzahabu, uwa gatatu akaba yabaye Margaret Nyairera Wambui aserukira Kenya.
Umudari w'umwakaka Francine yatahukanye niwo wonyene u Burundi buronse muri izi nkino Olempike, ukaba ari uwa kabiri buronse mu mateka yabwo y'izi nkino.
Umudari wa mbere u Burundi bwaronse wari uw'inzahabu mu nkino Olempike z'i Atlanta muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1996, aho Venuste Niyongabo yatsinda mu gusuganwa imetero 5000.