Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Drogba agiye kwitwarira Daily Mail.
Umukinyi akomeye yahora akinira Chelsea, Didier Drogba, yavuze ko azitwarira ikinyamakuru ca Daily Mail co mu Bwongereza.
Aho ni inyuma y'aho ico kinyamakuru candikiye inkuru zivuga ko mu mahera aronka yo gufasha abatishoboye, ayadashika igice kimwe kw'ijana ari yo yonyene akoreshwa ico gikorwa.
Ico kinyamakuru kivuga ko amapawundi 14.115 yonyene kuyagera ku miliyoni 1.7 atangwa n'abakinyi rurangiranwa hamwe n'abagwizatunga yo gufasha abana muri Afurika, ari yo yonyene akoreshwa ico gikorwa.
Drogba w'imyaka 38, yashikirije itangazo avuga ko izo nkuru "ari izo ububeshi kandi ko zimucafuza."
Akanama kajewe gukurikirana amashirahamwe atanga imfashanyo akorera mu Bwongereza kavuze ko kariko karagira amatohoza kuri" ivyo bivugwa vyo kurenga ku mategeko".
Mw'itangazo ryiwe, Drogba yavuze:" Nta busuma bwabaye, nta giturire kandi nta n'ububeshi bwabaye."
Drogba wo mu gihugu ca Cote d'Ivoire, akinira umugwi wa Montreal Impact wo muri Canada muri kino gihe, yanebaguye abamenyeshamakuru ba Daily Mail, avuga ko bageramiye ubuzima bw'abana ibihumbi n'ibihumbi bo muri Afurika.