Ico RDC ijanye mu kanama k'Umutekano kw'isi ni 'Ijwi ry'umugabane wikoreye umuzigo w'intambara utateje'- Kayikwamba

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo avuga ko iki gihugu kijanye mu kanama ka ONU kajejwe umutekano ku isi 'ijwi ry'umugabane wikoreye umuzigo w'intambara utateje'.

Ni inyuma y'uko ku wa kabiri ico gihugu gitorewe kwinjira muri ako kanama, aho umushikiranganji Thérèse Kayikwamba yashimye urunani rwerekanywe n'umugabane wa Afrika maze iki gihugu ciwe kigashobora gutorwa.

Mw'ikoraniro ririko ribera ku cicaro c'iri shirahamwe i New York muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, RD Congo yatowe ejo ku wa 03 Ruheshi nka kimwe mu bihugu ntahoraho bigize aka kanama mu mwaka wa 2026–2027.

Mu bihugu 187 vyatoye, DRC yatowe ku majwi 183, ikaba yatorewe hamwe na Liberia, ikindi gihugu co ku mugabane wa Afrika caronse amajwi 181, hampande ya Bahrain, Colombia na Lettonie. Ibi bihugu bigiye kwicarana mu kiringo c'umwaka wose n'ibihugu ntayegayezwa bitanu bigize aka kanama, arivyo Ubushinwa, Ubufaransa, Ubwongereza, Uburusiya na Reta zunze Ubumwe za Amerika.

Avugana n'abanyamakuru inyuma y'aya matora, Kayikwamba yavuze ko RD Congo itajanye uburambe bwayo gusa muri aka kanama, ko ahubwo ari "ijwi ry'umugabane ubandanya kwikorera umuzigo w'intambara utateje, intererano yawo nayo mu bijanye n'amahoro ikaba ikunze kwiyibagizwa".

Kayikwamba avuga ko itorwa ry'igihugu ciwe "ryerekana ubumwe buranga Afrika hamwe n'ikibanza ikwiriye mu gutsimbataza amahoro n'umutekano kw'isi" kandi ko kizotanga intererano ikwiye mu bibazo bihanze isi.

Ati: "Tuzokorana icubahiro, mu bwigenge kandi twubahiriza amategeko ngenderwako agenga ishirahamwe ONU. Tuzokorana n'abagize iyo nama bose mu guharanira amahoro, guhagararira amategeko mpuzamakungu, no mu guteza imbere ivyipfuzo vy'abantu bafitiye uburenganzira kw'isi yose."

RD Congo itowe mu gihe igisirikare cayo gihanganye n'umuhari w'inyeshamba za M23 mu ntambara irangwa mu buseruko bw'igihugu yasubiriye kwaduka mu mpera za 2021, aho uno muhari umaze kwigarurira uduce tutari duke tw'intara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo, harimwo n'ibisagara vya Goma na Bukavu, imigwa mikuru y'izi ntara.

Reta ya Kinshasa, ishirahamwe ONU n'ibihugu bitari bike vy'uburengero b'isi bagiriza Urwanda ko ari rwo rufashe mu mugongo uno muhari ubu uri mu runani Alliance Fleuve Congo, AFC mu mpfunyapfunyo. Urwanda rwamye rubihakana, rukagiriza ahubwo reta y'ico gihugu ko ikorana n'umuhari FDLR urwanya reta ya Kigali, amakungu nayo akigira sindabibazwa ku kibazi c'uyu muhari.

Abajijwe nimba iki kibazo ari co kizoshirwa imbere muri ico kiringo c'umwaka DRC izoba iri muri aka kanama kuva ku wa 01 Nzero (1) 2026, umushikiranganji Kayikwamba, avuga ko igihugu ciwe kitazokwikunda, kuko ku bwiwe ikibazo ca Congo kiri mu bindi bibazo vyinshi bihanze isi.

Ati: "Ni vyo ko ibibera mu buseruko bwa Congo ari co kibazo kiri imbere kandi nyamukuru ca reta ya Congo kuko abanyagihugu bacu ni bobariko baragorwa.

"Nta nkeka ko tuzoza mu kanama kajejwe umutekano dufise uburambe nk'igihugu kizi ico ari co kumara imyaka mirongo mu ntambara, kuri ibi kikaba gitahura cane ingorane z'ibikorwa vyo kubungabunga amahoro no gukingira abasivire, n'isano riri hagati y'intambara, amatungo kama n'ihindagurika ry'ibidukikije".

"Ariko kandi ni ngombwa ko dutahura ko turi ngaha nk'igihugu cizigiwe n'Ubumwe bwa Afrika.

"Ni vyo ko dufise ubu burambe, ariko tuzokora ku nyungu z'isi yose kuko turazi ko ibibera muri Congo si ivy'igihugu kimwe canke ibibazo vyihariye. Dufise ibibazo vyinshi bihanze isi yose, rero dushaka gutanga intererano yacu difatiye ku burambe n'ubuhinga bwacu mu gutorera umuti ibi bibazo".

Bubaye ubugira gatatu RD Congo itowe mu kanama ka ONU kajejwe umutekano kw'isi, ubwa mbere hakaba hari mu 1982–1983 igasubira mu 1990–1991, hari ku butegetsi bwa Perezida Mobutu Sese Seko, ico gihe igihugu kikaba citwa Zaïre.

Ni inyuma kandi y'aho ku wa mbere igenekerezo rya 2 Ruheshi nyene 2025 itorewe kuba icegera c'umukuru w'Inama Nkuru ya ONU igira 80, izotangura kw'igenekerezo rya 9 Nyakanga (9) 2025.