Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi wagiriraniye amasezerano na Museveni
Perezida Yoweri Museveni wa Uganda yagiriraniye amasezerano yo gufashanya n’umukuru w’umugambwe utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi akaba mbere yari ahanganye nawe mu matora aheruka, Nobert Mao.
Aya masezerano hagati y’umugambwe uri ku butegetsi National Resistance Movement hamwe n’umugambwe Democratic Party yateweko igikumu nijoro ku wa gatatu inyuma y’umubonano hagati y’aba bategetsi babiri mu biro vy’umukuru w’igihugu, State House, i Entebbe.
Perezida Museveni arakeza abategetsi b’umugambwe Democratic Party kuri iki “kimenyetso ca poritike y’abantu bakuze, babona kure kandi bafise intumbero yo kwubaka”.
Mao arongoye uyu mugambwe utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi kuva mu 2010.
Yarerekanye ubuhinga bwiwe mu kuvuga ijambo kandi nk’umunyaporitike arwanya ubutegetsi buri mu minwe y’akarwi kamwe, ariko umugambwe wiwe umaze imyaka mu ndyane z’amacakubiri watumye utakaza ikibanza mu gihugu.
Imbere y’amatora yo mu 2021, yaratakaje abatari bake mu bo bari bafatanije kurongora uyu mugambwe bahisemwo kwigira mu mugambwe mushasha ico gihe National Unity Platform ukirongowe gushika ubu na Robert Kyagulanyi Ssentamu azwi ku ritazirano nka Bobi Wine.
Abashigikiye Mao babona ko iyi ngingo ari inzira nziza yo gukorana hagati y’iyi migambwe ibiri, ariko abamunegura bobo bazobona ko barenganuwe inyuma yo kumwagiriza ko akorana na Museveni.
Abandi nabo banegura poritike ya Uganda bashobora kubona aya masezerano nk’ayandi mayeri y’umukuru w’igihugu yo guca intege abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe.
Imbere y’aho, yari yashoboye guhendahenda abanyaporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe mu kubaha ibibanza muri reta.
Abagisigaye ku ruhande rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi nabo babandanya baburabuzwa mu bikorwa vyabo.
Perezida Museveni yasohoye videwo yerekana ingene yariko atera igikumu kuri ano masezerano n’umugambwe Democratic Party: