Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Perezida Museveni arashimangira ingingo yo kwugara imbuga hwaniro
Umukuru w'igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni, yagiriza urubuga rwa Facebook akagaye n'uguhengama mu gihe yariko yemeza ingingo yo kwugara imbuga hwaniro n'izindi apps zo guhanahana ubutumwa, imbere y'amatora ategekanijwe ejo ku wa kane.
Mw'ijambo yashikirije nijoro yambaye impuzu za gisirikare, Perezida Museveni yavuze ko adashobora kwemera umuntu uwo ari we wese akinisha igihugu ciwe, canke agerageza kwemeza uyu canke uriya ko ari we mu kandida mwiza.
Avuga ko nimba Facebook ishaka gukorera muri Uganda, bose bategerezwa kuyigirako uburenganzira bungana, ata gukoresha nkunzi.
Ejo ku wa kabiri, ikigo ca Uganda kijejwe gucungera itumatumanako categetse amakompanyi ya interneti guhagarika imbuga hwaniro n'ubundi buhinga bwa none bwo guhanahana ubutumwa.
Iyi ngingo yafashwe inyuma y'amasaha makeya Facebook ihagaritse ico yise amakonte "y'ibinyoma" yavuga ko afitaniye isano na reta.
Facebook ivuga ko ayo makonte yariko arakoreshwa mu kuzimagiza abanyagihugu muri ano matora ateye impari nyinshi.
Abakoresha imbuga hwaniro batanguye kumenyesha ibibazo bafise vyo guhanahana ubutumwa kuva ejo mu masaha y'igitondo kuri Twitter, WhatsApp, Instagram na Snapchat.
Twitter ivuga ko guhagarika izi mbuga ari uguhonyanga uburenganzira bwa kiremwa muntu n'uburenganzira bwo gukoresha imbuga ngurukanabumenyi mu bwisanzure.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziranegura ingingo ya reta ya Uganda yo kwugara izi mbuga hwaniro, umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU nawe, Antonio Guterres, agasaba kwubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu.
Umuvugizi wa Antonio Guterres, Stephane Dujarric, avuga ko umunyamabanga mukuru wa ONU "ahimiriza abanyapolitike bose hamwe n'abanywanyi babo kwiyemeza ku mugaragaro ko bazokora ibikorwa vyabo mu mahoro kandi bakirinda imvugo zigumura hamwe n'izibiba urwanko".
Umuhanuzi mu bushikiranganji bw'imigenderanire bwa Amerika ajejwe ibibazo vya Afrika, Tibor Nagy, yanditse kuri Twitter ati: "Izi ngingo zihonyanga uburenganzira bwa kiremwamuntu n'ubwisanzure shingiro".