Tanzania - isanganya ry’indege: ‘Nagerageje kurokora abadereva ariko birangira ntaye ubwenge’

Umurovyi yabaye mu ba mbere gushika aho indege yakorokeye igahitana abantu 19 mu kiyaga Victoria muri Tanzania, aravuga ingene yagerageje kurokora abadereva bari mu kibanza basanzwe bicaramwo.

Aryamye mu bitaro vya Bukoba aho ariko aravurirwa, Majaliwa Jackson avuga ko yatekewe n’ubwoba abonye ingene indege yariko iregereza yataye inzira, imbere y’uko igwa mu kiyaga Victoria. 

Yaciye yirasa aho iryo sanganya ryari ribereye ari kumwe na bageziwe batatu baca bafasha kwugurura umuryango w’inyuma bakoresheje ingafe maze ingenzi zari zicaye inyuma zishobora kurokoka.

Jackson avuga ko avuye inyuma y’iyo ndege yaciye aja ku ruhande rw'imbere aca akubita umwibi mu mazi. Avuga ko yavuganye n’umwe mu badereva bakoresheje ibimenyetso.

Ati: "Yansavye ko nomena ikiyo c’idirisha. Naciye mva mu mazi mbaza abajejwe umutekano w’indege bari bamaze gushika nimba bari bafise ikintu nokoresha mu kumena ico kiyo.

Barampaye ishoka, ariko naciye mbuzwa n’umugabo yavugiye mu ndangururamajwi yaciye ambuza kuja mu mazi kugira ngo mene ico kiyo, akaba yavuze ko bariko baravugana n’abadereva kandi ko bamubwiye ko ata mazi yariko arinjira mu kibanza bicaramwo”.

Yongerako y’uko amaze kubuzwa yaciye yibira asubirayo aca arasezera uwo umudereva. 

Ati: "Yanyeretse umuryango w’ikibanza c’abadereva ukoreshwa mu bihe bidasanzwe. Naciye nsubirayo hanyuma mfata umugozi duca tugerageza kuwukwega dukoresheje ubundi bwato, ariko uwo mugozi waracitse unkubita mu maso, nca ndata ubwenge. Nsubiye gutora ubwenge nsanga ndi hano mu bitaro”.

Aba badereva bompi bari mu bantu 19 bamaze kwemezwa ko baguye mw’isanganya ry’iyo ndege ya Precision Air, ikompanyi y’indege nini gusumba izindi zose ziri mu minwe y’abigenga.

Hagati aho, uwundi murovyi avuga ko ibikorwa vyo kurokora abari muri iyo ndege vyagiye gukwamishwa n’ubutumwa butari bwo bwagabisha ko hari ikintu kibi cagomba kuba.

William Ruta, umunyagihugu asanzwe aba i Bukoba ni umwe mu babonye iryo sanganya yagize uruhara mu kurokora abanu. Avuga ko vyabaye ngombwa ko babanza guhagarika kurokora abantu kubera ubwoba bw’uko indege yashobora guturika.

Ati: "Umudereva yarakije amatara igihe twariko turarokora abantu duca tugira ubwoba ko indege yagomba iturike”.

Muri 43 bari muri iyo ndege, 24 bararokotse, nk’uko bimenyeshwa na Precision Air. Kuri uyu wa mbere habaye ibirobi vyo gushingura 19 bahasize ubuzima.